Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 24/12/2021

Publié le 24 décembre 2021 par Rédaction
I. Kugira umutekano utsimbatare mu gihugu, inzego  z’umutekano zitegerezwa kugira uruhara mu gukingira  agateka ka zina muntu. Ivyo vyashikirijwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, mu gihe abarongoye abandi mu nzego z’umutekano bariko baramwipfuriza umwaka mwiza kuri uyu wa gatanu i Bujumbura. Umukuru w’igihugu akaba yibukije abo bajejwe umutekano, ko umuntu aguma ari umuntu naho yoba yakoze icaha.
II. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ariko ashira imbere iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu mu gihe Commissaire Moise Arakaza batazira Nyeganyega ariko aradomwako urutoke mu bakoresha imyimenyerezo ya gisirikare urwaruka rw’imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD. Imyimenyerezo yariko ibera ku mitumba ya Rugembe na Mubone, muri komine Kabezi y’intara ya Bujumbura.
III. Commissaire Moise Arakaza batazira Nyeganyega ngo n’umwe mu ntwazangabo z’igipolisi yimonogoje mu bikorwa bicafuza izina ry’Uburundi mu makungu. Bishikirizwa na Vital Nshimirimana, arongoye urunani FORSC ruhurikiyemwo amashirahamwe adaharanira ibibanza vya Politike.  Asigura ko izina ry’iyo ntwazangabo mu gipolisi c’Uburundi rigaruka cane mu vyegeranyo bitari bike ku mabi akorerwa abanyagihugu, kubaboreza igufa n’ayandi mabi yo guhonyanga agateka ka muntu. Vital Nshimirimana agasaba abamutwara gufata ingingo zibereye kugira commissaire Moise Arakaza ateshwe ate, ku neza y’igihugu.
IV. Umugwi wo kuvugana ukuri no kunywanisha abarundi CVR, nta burenganzira canke intumbero mu vyo usabwa ufise, kugira wemeze ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu nk’ivyaha bikurikiranwa n’amasentare mpuzamakungu ku vyaba vyakozwe mu Burundi, harimwo n’icaha c’ihonyabwoko. Uwo ni umwihwezo w’urunani rw’abashingwamanza baburanira abakorewe amabi akurikiranwa na sentare mpuzamakungu mu Burundi, CAVIB. Mw’itangazo urwo runani CAVIB rwashize ahabona kuri uyu wa gatanu, umushingwamanza Emmanuel Nkengurutse amenyesha ko kuva CVR ishirwaho, ata ntumbero y’ubutungane kuri bose yari ifise. Umugwi CVR uheruka kwemeza imbere y’inama nshingamateka na nkenguzamateka ko ubwicanyi bwabaye mu mwaka wa 1972 ari ihonyabwoko ryakorewe abahutu.
V. Hasigaye amasaha makeyi ngo hahimbazwe Noheri, aho abakristu bo kw’isi yose bibuka ivuka rya Yezu. Abo  mu Burundi bavuganye na Radiyo Inzamba bamenyesha ko bigoye ko bazowuhimbaza mu munezero, mu gihe ushitse ibiciro vy’ibidandazwa vyabaye umurengera, ikiza ca Covid-19 kigisibije, abarundi batari bake nabo babayeho ntibuca.
VI. Mu gisagara ca Rumonge naho ibiciro vy’ibifungurwa ntibiriko birorohereza ab’uburyo bubayabaye mu guhimbaza Noheri. Amakuru ava muri iyo ntara avuga ko kuva mu ntango z’ino ndwi turimwo, ibifungurwa vya nkenerwa vyaduze hagati ya 1000 na 1500 mu mafranga y’amarundi. Bamwe bakaba babonako harimwo n’ukwikika mu kiza kw’abadandaza.
VII. Abantu benshi baratowe umugera wa Covid-19 muri ino misi mu mirwa mikuru y’intara za Makamba na Rutana. Ibitaro vy’i Makamba honyene barenga 700 kuva muntango y’ino ndwi.  Ivyo bikaba biteye ubwoba abanyagihugu kubera abo bantu barwaye bataguma mu ngo zabo.
VIII. Umugabo azwi kw’izina rya Sinabiziga Claude avuka ku mutumba Kabizi wa komine Kayogoro, intara ya Makamba,  yaraye atwawe n’uruzi Maragarazi. Hari ku mugoroba wo kuri uyu wa kane mu gihe yariko arajabuka ava mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya, iyo yaramaze indwi 3 ari guca udufranga aho bita mu Migongo, hahana urubibe na komine Kayogoro.  Nk’uko bivugwa na bamwe mu banyagihu hamwe n’umuryango, gushika mu gatondo ko kuri uyu wa gatanu ikiziga ciwe nticari bwatorwe.
IX. Mu gihugu ca Malawi naho, umwana w’umwigeme w’umurundikazi yarabuzwe irengero kuva mw’ijoro ryo ku munsi wa mbere igenekerezo rya 20 kigarama. Azwi kw’izina rya Sarah afise imyaka 14. Uwo mwana w’umwigeme yaba mw’ikambi y’impunzi ya  Dzaleka, muri quartier New Gatuza, muri ico gihugu ca Malawi. Nk’uko bivugwa n’abo mu muryango wiwe, Sarah yabuzwe irengero mw’ijoro mu gihe abandi bari baryamye. Basaza we, bibajije ko agiye kwihagarika, ariko ntiyagarutse. Baciye batabaza igipolisi n’abajejwe intwaro mw’ikambi, amatohoza aca aratangura. Umusore bivugwa ko bagendana n’uwo mwigeme niwe yaciye ahagarikwa ubwa mbere. Tubibutse ko ikambi ya Dzaleka mu gihugu ca Malawi ibarizwamwo impunzi z’abarundi zirenga ibihumbi cumi na kimwe.

Ibindi bisa n'ibi