I. Umusore w’Umurundi yitwa Richard yaba mu gihugu ca Sudani y’epfo yaraye yitavye Imana amaze imisi ibiri akubiswe icuma mu mutwe na nyene inzu yabamwo. Uyo nyakwigendera akaba yakomoka muri komine Gashikanwa mu ntara ya Ngozi. Ubu abaserukira abarundi muri ico gihugu bakaba bariko bakora ibishoboka kugira ubutungane bukore, n’aho bavuga ko icizere ari gike. Aladin Niyibizi, aserukira abarundi baba muri Sudani y’epfo, arigana ingene vyagenze.
II. Imyidogo ni myinshi ku banyonga amapikipiki aca amahera, mu ntara ya Rumonge. Ni mu gihe batorohewe muri iyi misi irangiza umwaka. Amakuru ava muri iyo ntara avuga ko bariko birukwako n’ igipolisi co muri iyo ntara, bamwe bagakomeretswa abandi bagapfunganwa n’amapikipiki yabo. Ivyo bigakorwa kugira hasigare gusa amapikipiki y’abo bapolisi, abe ari yo abandanya akora muri ibi bihe vy’iminsi mikuru. Abo bagendesha amapikipiki basaba abarongoye iyo ntara ya Rumonge hamwe n’abarongoye inzego z’igipolisi muri iyo ntara ko bobatezurira, bagakora akazi kabo mu mutekano.
III. Ku kilo c’umuceri kigurwa amafranga ibihumbi bine vy’amarundi be n’ibiciro vy’ibiharage n’ibindi vya nkenerwa vyadugiye rimwe, abarundi ntibiteguye kuninahaza imisi mikuru ya Noheli n’umwaka mushasha nk’ukwo vyahora. Uko niko bisigurwa na bamwe mu banyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura be n’abo mu ntara zo hagati mu gihugu. Ni mu gihe buca ari umusi mukuru wa Noheli ukunzwe guhimbarizwa na cane cane abana b’abakirisu.
IV. Ikiganiro Kw’Isôko c’uno munsi kiza guhagarara kw’ipfungwa ry’umushingwamanza akaba n’umwe mu baharanira agateka ka zina muntu Tony Germain Nkina, mu gihe sentare isubiramwo imanza ya Ngozi yaheruka kumweza.
V. Mu muryango w’abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi babuze inararibonye akaba n’imboneza mu kurwanira agateka ka zina muntu, Professeur Christophe Sebudandi. Yitavye Imana mu gitondo co kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 24 Kigarama uyu mwaka, aho yari arwariye mu gihugu c’Ububiligi ari naho yari yarahungiye. Umuhisi Christophe Sebudandi yarajejwe amabanga atari make mu gisata co kurwanira agateka ka muntu mu Burundi no mu karere. Yararongoye ishirahamwe ligue Iteka, ishirahamwe rikurikiranira hafi ibikorwa vya leta OAG, hamwe n’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu mu karere k’ibiyaga binini LDGL. Akaba asezeye isi arongoye umugambi GRADIS uri mu runani Afrobaromètre rugizwe n’amashirahamwe akora ivyigwa vy’ubushakashatsi mu kuraba urugero demokrasi n’intwaro rusangi bigezeko mu bihugu vya Afrika. Umugambi Graddis ukaba wakora cane cane ibijanye n’igihugu c’Uburundi. Uruganda rwo kumenyesha amakuru rwa radiyo Inzamba agateka kawe, usangiye umubabaro n’umuryango wabuze kandi urabahojeje.