I. Umuntu umwe mu bantu baherukwa kwerekanwa n’igipolisi ko bakorana n’abahungabanya umutekano muri komine ya Burambi mu ntara ya Rumonge, yasandabiye mu gasho ka Murembwe mu ntara ya Romnge. Uwo yapfuye akaba ari umutama yitwa Gediyo nk’uko amakuru ava mu muryango wiwe avyemeza. Amakuru radiyo Inzamba ihejeje kuronka ava mw’ibohero rya Murembwe akavuga ko yari yarasinzikarijwe ubuzima kuva ashikanywe mw’ibohero, hari mu ndwi iheze. Muri Radio Inzamba ntiturashobora kuronka umuyobozi w’ibohero rya Murembwe kugira atange umuco kuri urwo rupfu.
II. Uwahoze arongoye inama nkenguzamateka y’Uburundi Reveriyano Ndikuriyo yaraye atowe kuba umunyamabanga mukuru w’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD. Ayo matora yabereye mu ntara ya Gitega ku murwa mukuru wa politike w’Uburundi. Uwo munyepolitike akaba azwi nk’umuntu atihanganira abatavuga rumwe n’umugambwe CNDD-FDD. Ivyo bibonekera aha nini mu mvugo yiwe aho ahamagarira kwica abantu ku mugaragaro.
III. Kubwa Frederiko Bamvuginyumvira arongoye urunani CFOR Arusha ruhurikiyemwo abanyapolitike batavuga rumwe na leta, nta gishasha Reveriyano Ndikuriyo yaraye atowe kuba umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD agiye kuzanira Uburundi n’abarundi, uretse kubandanya umugambi w’ubwicanyi n’iterabwoba uwo mugambwe CNDD-FDD wishinze.
IV. Pacifique Nininahazwe nawe umwe mu baharanira agateka ka zina muntu, avuga ko ata gitangaje kubona Reveriyano Ndikuriyo atorwa ngo atware umugambwe uri ku butegetsi. Ku bwiwe, biraboneka ko abahabwa amabanga akomeye mu mugambwe CNDD-FDD, ari abagirizwa amabi atari make. Aha rero Reveriyano Ndikuriyo ngo ahambije akagwi gasanzwe gafukamye igihugu mu nda.
V. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye aragabisha abarya ibiturire hamwe n’ababitanga. Mw’ijambo ryiwe yashikirije mu ntara ya Gitega, Evariste Ndayishimiye yavuze ko uwuzofatwa azoca yirukanwa burundu mu buzi bwose bwo mu Burundi. Ariko rero s’ubwa mbere umukuru w’igihugu avuga amajambo nk’ayo, nkuko bisigurwa na Charles Nditije arongoye umugambwe UPRONA utavuga rumwe n’ubutegetsi. Aratanga uburorero bumwe bumwe mu vyo yagiye arivuguruzamwo.
VI. Abantu barenga 20 b’abarundi bashaka gutahuka mu gihugu cabo, barazibiriwe ku mupaka wa Kobero mu ntara ya Muyinga, kuva mu mpera z’indwi iheze. Imvo ngo n’uko boba bikekwa ko boba bagwaye umugera wa corona virus. Igitangaza abo banyagihugu, n’uko aho kubemerera ngo binjire babapime ico kiza, bababuza uburenganzira bwo gutaha mu gihugu cabo, bagasaba abajejwe intwaro kwikubita agashi.