I. Abantu 6 barafunzwe kuva ku musi wa gatanu w’indwi iheze mw’ibohero rikuru rya Rutana. Bakekwa kuba abaranzi b’ibidandazwa bitandukanye abo bita aba commissionnaires. Bakaba bahagaritswe kw’itegeko rya buramatari w’intara ya Rutana abagiriza. Abo mu miryango yabo basaba ko borekurwa kuko ataco bariko barazira. Abegereye imiryango yabo bavuga ko ako kazi bari baragahevye kuva kera.
II. Ubushikiranganji bw’ikigega ca leta buremeza ko urugero ry’abanyamitahe baje mu Burundi mu mwaka uheze wa 2021 ruri hasi. Ariko rero umushikiranganji yemeza ko ubutunzi bwifashe neza. Domitien Ndihokubwayo akaba yabishikirije mu gihe yariko yerekana ivyaranguwe n’ubushikiranganji arongoye.
III. Ububisha bwo gutemagura imirima y’ibitoke n’ibigori kirabandanya mwikambi ya Nyarugusu ahasanzwe haba impunzi z’abarundi, ni mu gihugu ca Tanzaniya. Bamwe muri izo mpunzi bavuganye na radiyo Inzamba bamenyesha ko bababajwe n’ibiriko birabashikira; bagasaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU gutorera umuti ico kibazo.
IV. Izo mpunzi kuva 2015 zihunga ntizigeze zironka agahengwe kubera guturubikwa n’abategetsi b’ico gihugu. Mw’itangazo ishirahamwe APRODH ryitaho agateka ka zina muntu n’ak’abanyororo ryasohoye kuri uyu wa 23, rirababazwa no kubona agateka k’izo mpunzi kabandanya gatosekara uko bukeye uko bwije.
V. Ibihugu bine ni vyo bimaze kuronka itike yogukina igice ca kane gishira ica nyuma mu nkino z’igikombe ca Afrika kiriko kibera muri Cameroun. Urukino rwahuje Cameroun na Comores rukaba rwatumye abantu 8 bitaba Imana kubera ugusunikana kw’abarorerezi bashaka kwinjira ku kibuga ca Olembé.