I. Abarongoye akarere ka mbere ka gisirikare baratewe impungenge n’abasirikare bata akazi. Muri aya mezi abiri aheze, mu karere ka mbere bavuga ko abasirikare bataye akazi ivyo bita désertion bagera kuri 30. Colonel Jeconias Nihorimbere mu nama yagirishije abasirikare i Mabayi mu ntara ya Cibitoke, akaba yabasavye kuguma ku mirimo, kuko ngo n’ikibazo c’imishahara mito Leta iriko iriga ingene cotorerwa umuti.
II. Ubwoba ni bwose ku munywanyi w’umugambwe uri ku butegetsi, asanzwe ari no mu nzego zirongoye umugambwe muri amwe mu ma quartiers yo mu gisagara ca Bujumbura. Afise ubwoba ko ashobora kugirirwa nabi biturutse k’umwe mu bakozi b’iperereza azwi kw’izina rya Niyongabo Eliphaz, yashize ifoto y’uwo muntu ku rubuga rwa WhatsApp y’urwaruka rw’imbonerakure, abaza ko hoba hari abamuzi.
III. Ikigo ca campus Kamenge ya kaminuza y’Uburundi kimaze indwi yose ata matara akirangwamwo. Abanyeshuri bakaba bidoga bavuga ko badashobora gusubiramwo ivyigwa vyabo mw’ijoro, kubera ubwo bukene bw’amatara. Abategetsi ba kaminuza y’Uburundi bavuga ko bariko bararaba ingene basubiza ibintu mu buryo.
IV. Imyidogo ni myinshi ku baburira abantu babo ku bitaro bikuru vy’intara ya Makamba. Bavuga ko iyo batwaye ababo baburiye kuri ivyo bitaro mu buruhukiro, babakurayo bononekaye cane kubera ivyuma vyo mu buruhukiro vyapfuye. Abanyagihugu bo muri iyo ntara basaba ko ivyuma vyo muri ubwo buruhukiro vyokorwa ku neza yabo.
V. Abapolisi babiri n’umunyagihugu asanzwe, baraye baciriwe ibihano vy’ugupfungwa imyaka iri hagati y’umwe n’ibiri, n’ukuriha amahadabu atandukanye hamwe n’indishi z’akababaro. Hakaba ari inyuma y’aho ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri, bagiriwe n’ivyaha bitandukanye harimwo ukwica, gukomeretsa abantu, gutorokesha umuntu ari mu minwe y’igipolisi, n’ukudandaza ubutare bidaciye mu mategeko.
VI. Abavyeyi barereye kw’ishure shingiro ryo ku Mubuga muri komine n’intara ya Gitega, bagiriza umuyobozi w’iryo shure kurya ibiturire na ka mwana wa mama, mu ntumbero yo gukingira bamwe mu bigisha badatonda neza ku kazi. Abo bavyeyi bashikirije akababaro kabo mu nama yabereye kuri iryo shure, inama yakoreshejwe n’uwundi mu kibanza c’umuyobozi, bivugwa ko yatinye kuja imbere y’abo bavyeyi. Iyo na yo ikaba yabaye kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 23 z’uku kwezi kwa mbere. Basaba abajejwe indero mu ntara ya Gitega gukemura ico kibazo ku neza y’urwaruka.
VII. Abakozi 6 bakora mu bunywero bw’inzoga mu gisagara ca Muyinga bari mu minwe y’inyamiramabi guhera ku musi w’ejo wa kabiri. Bose bakaba bagirizwa kuduza ibiciro ku binyobwa vya Amstel na Primus, nk’ukwo amakuru ava mu ntwaro muri komine Muyinga avyemeza. Bagirizwa kugurisha Amstel amafranga 3000 kandi igiciro cashinzwe na leta ari amafranga 2500. Icupa ry’ikiyeri ryategerezwa kudandazwa amahera 1700, ubu rikaba ryagurwa amahera 2000. Musitanteri wa komine Muyinga, Amédée Misago, akaba iruhande y’ifungwa ry’abo bakozi yaciye ku muhingamo w’ejo hahise asohora ingingo yo kwugara ububare 6 bwahora bucuruza ibinyobwa bihingurwa n’ishirahamwe Brarudi. Abo bakozi bakidogera igipolisi be n’intwaro ko izo nzego zabarenganije mu kubafunga, ngo kuko bobo bariko bashira mu ngiro amategeko bahabwa na ba shebuja.
VIII. Uwuserukira ishirahamwe Brarudi mu ntara ya Rumonge, aragirizwa ko akora amanyanga mu guha inzoga bamwe mu badandaza bafise imitahe minini agacinyiza bato bato. Vyashikirijwe inyuma y’inama yahuje Buramatari mushasha w’iyo ntara n’abadandaza, kuri uyu wa kabiri. Vyagaragaye ko hari utunenge tutari duke muri ico gisata.