Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 25/02/2021

Publié le 25 février 2021 par Rédaction
I. Ihindagurika ry’ibihe rimaze imisi ryibonekeza ryononye ibitari bike muri uku kwezi kwa kabiri. Umuntu umwe yarapfuye, abandi barakomereka, abandi nabo bata izabo. Ubushikiranganji bw’ibidukikije bukavuga ko mu gisagara ca Bujumbura,  abanyagihugu babifisemwo uruhara na cane cane abavogera ikiyaga ca Tanganyika baciye kubiri n’amategeko.
II. Kubwa Mamert Sabushimike akurikiranira hafi ibijanye n’ibidukikije, ngo Kajaga n’imwe mu ma karitiye atagenewe kwubakwamo kuko hari amazi menshi.  Kubwiwe ngo abariyo bagowe bakiriko.
III. Mamert Sabushimike abandanya asaba leta kuronderera ababa aho hantu ahandi hokuba. Akavuga bimwe mu gitera iyo myuzurira ari uko hari abavogereye ikiyaga Tanganyika mu kuhubaka.
IV. Abanyagihugu baba ku murwa mukuru w’intara ya Muramvya batewe impungenge n’ikena ry’umuyagankuba, umaze imisi 4 utaboneka. Abo banyagihugu bavuga ko hariho abaronka ico bafungura ari uko bakoresheje uyo muyagankuba, cane cane abasanzwe bakora ubuzi bwo gusudira hamwe n’aba kimyozi. Bakavuga ko batazi icatumye uyo muyagankuba ucika, bagasaba ababijejwe kuwubaronsa kugira babandanye bibeshasho.
V. Impunzi z’abarundi ziheruka kwimurirwa mw’ikambi ya Mulongwe mu gihugu ca Congo iharanira Demokarasi, zirashimira ubutegetsi bw’ico gihugu n’ishirahamwe HCR kuko babaronkeje aho barima n’imbuto bazoteragira. Ivyo bikaba vyabaye kuri uyu wa gatatu. Ariko rero abatararonka biturutse ku mvo zitandukanye, bavuga ko bafise amakenga, bagasaba ko nabo nyene bokwibukwa kugira ngo ntibacererwe, kuko igihe co guteragira kiriko kiragenda.
VI. Abakozi b’ibitaro vya Fota mu karere k’ubuvuzi ka Mwaro mu ntara vya Mwaro, baridogera umuyobozi w’ivyo bitaro Nazaire Ndereyimana ariko arabima agashirukabute bahabwa n’amategeko mu gihe baba bakoze neza. Abayaronka ngo n’uko baba bamuhaye igiturire kugira ashireko umukono. Ikindi ngo n’uko yivanga muri ico gikorwa. Umushikiranganji w’amagara y’abantu ngo yaheruka gutanga itegeko ku bijanye n’ako gashirukabute, ko hazoza gusinya umuyobozi ajejwe intara y’ubuvuzi, uwutwara akarere k’ubuvuzi nawe akaraba amavuriro mato mato gusa.

Ibindi bisa n'ibi