I. Hari umwana w’umuhungu w’imyaka 18 wo ku mutumba Mugoyi, komine Kabarore mu ntara ya Kayanza kuva kuri uwu wa gatanu apfungiwe mu gasho k’inyamiramabi muri komine ya Kabarore. Akaba akekwako icaha c’ukuba yarahaye bamwe mu bo bigana indya zirimwo ishano. Abajejwe intwaro bamenyesha ko abo bikekwa ko boba barahawe ishano bariko barakurikiranwa n’abaganga, amatohoza na yo ngo akaba ariko arakorwa.
II. Umwigisha wo kw’ishure nshingiro rya Muyebe ya kabiri riri mu ntara ya Mwaro, yagirizwa, kandi akiyemerera kwiba ibitabu vy’abanyeshure n’ivy’abigisha, yahagaritswe n’inyamiramabi kuri uwu wa gatanu. Ni mu gihe, uwo mwigisha yari yahaye itegeko uwusanzwe ararira iryo shure kutugara amasomero, hari kw’igenekerezo rya 10 Ruhuhuma uno mwaka. Muri iryo joro nyene niho ivyo bitabu vyaciye birara vyibwe. Abanyagihugu co kimwe n’abavyeyi barereye kw’ishure rya Muyebe ya kabiri ivyo bitabo vyibweko, basaba ko ubutungane bwomuhana kugira ngo ubwo busuma butuzwe.
III. Umuryango wa Ntirampeba aheruka kwitaba Imana inyuma yo gukubitwa amahiri, uvuga ko utewe amakenga n’ingene ubutungane buriko bukwega amaguru mu matohoza. Abavugwa ko bakoze iryo bara akaba ari umukuru w’umutumba Bukeye, uwurongoye imbonerakure kuri uyo mutumba, hamwe n’uwutwara umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD kuri uwo mutumba nyene. Uwo muryango wagiriza parquet ya Makamba kuba iriko yiteza utunyoni, kubera abagirizwa icaha ari abanywanyi ba CNDD-FDD.
IV. Bamwe mu bashingamateka bararajwe ishinga n’uko leta idategekanya mu migambi yayo yihuta, gusanura ikibanza cahozemwo isoko nkuru ya Bujumbura. Ikibazo cabajijwe umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca kuri uno wa kane, igihe yariko ashikiriza inama nshingamateka icegeranyo c’ivyo leta yaranguye muri ano mezi atandatu aheze. Abo bashingamateka bavuga ko iyo soko yofasha mw’iterambere ry’igihugu, ko kandi yotuma haboneka ibidandazwa vy’akanovera, bagasaba leta gusubiramwo iyo soko ku neza y’igihugu.
V. Abadandaza baherutse kwimurwa mu bibanza bikikije isoko nkuru ya Muyinga, be n’ibiri hagati muri yo vyakozwe mu ntumbero y’umugambi wo kwubaka amabarabara ashashemwo amabuye akikuje iyo soko uzoranguke vyoroshe, no gukomeza umutekano. Abari mu mabarabara yagenewe imodoka izimya umuriro bategerezwa kuja gukorera ahandi. Buramatari Jean Claude Barutwanayo agasaba abadandaza kudasubira kwidodomba ngo kuko bimuwe ku nyungu rusangi.
VI. Uno musi ikiganiro “Kw’isoko” kiza guhagarara ku cegeranyo cashikirijwe n’umugwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu imbere y’inama nshingamateka, ku vyaranguwe mu mwaka wa 2022. Muri ico cegeranyo, uwo mugwi uremeza uburyo budashemeye abanyororo bapfungiwemwo mu Burundi.