I. Inama nshingamateka y’ishirahamawe y’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko, yatanguje isekeza ryo kurwanya ikiza ca Coronavirus, rizomara ikiringo c’indwi 2. Mu kiganiro Victor Burikukiye atwara umurwi w’abashingamateka b’Uburundi mur’iyo nama nshingamateka, avuga ko bagiye kwishikira ku rubuga, barabe ko hariko harakurikizwa ingingo zose zafashwe mu kurwanya ico kiza, be n’ingaruka mbi zaco kubijanye n’ubutunzi muri Afrika y’Ubuseruko.
II. Urunani CBDH VICAR ruhurikiyemwo amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu, akaba akorera mu makambi y’impunzi z’Abarundi mu bihugu vy’aka karere, rusaba ama leta y’ibihugu vyakiriye izo impunzi hamwe na HCR, kuzifasha mu kwirinda ikiza ca corona virus. Leopold Sharangabo, ni icegera c’uwurongoye urwo runani, atera akamo kandi nazo kwigirira isuku kugira ico kiza nticake indaro mu makambi barimwo.
III. Mu gihe hari abegeranirizwa hamwe mu bibanza bitandukanye bavuye hanze y’igihugu mu kurindira ko imisi 14 ihera, ngo barabe ko bagwaye corona virus, Vital Nshimirimana aharanira agateka ka zina muntu avuga ko Leta y’Uburundi yarikwiye kubamenya mu bijanye n’ibifungurwa n’uburaro. Aho ni mu gihe babwiwe ko bategerzwa kwimenya muri vyose. Vital Nshimirimana akavuga ati, naho iyo ndwara yaje giturumbuka, ntivyobuza ko Leta ifasha muri iyo misi 14, ababa batahutse, na rirya nabo nyene ataco baba biteguriye.
IV. Urunani ruhurikiyemwo abarundi baba muri Canada, rusaba abungere ba kereziya katorika b’Uburundi guhagarika amakoraniro aba ku munsi w’Imana, mu ntumbero yo gukingira abarundi n’ababa muri ico gihugu, ikiza ca CORONA VIRUS kibisibije hirya no hino kw’isi. Ivyo bikaba biri mu rwandiko urwo runani rw’abarundi baba muri Canada barungikiye abungere ba kereziya katolika. André Dunduri, arongoye urwo runani avuga ko ishengero katolika ryobera akarorero abarundi mu guhagarika amakoraniro ahuza abantu benshi mu miryango.
V. Amabwiriza asabwa kwubahirizwa mu kwikingira ikiza ca coronavirus mu gihe adakurikijwe muri iyo misi 14, baba bashizwe ukwa bonyene, bishobora gukwega akarambaraye. Ivyo bivugwa na muganga Alain Nshimirimana, aho asaba Leta gufata mu minwe ico kibazo co kubahiriza ayo mabwirizwa.
VI. Hari umunywanyi w’umugambwe CNL yafashwe kuri uyu wa kabiri, ku mutumba GISITYE, komine NYABIHANGA, intara ya MWARO. Ab’iwabo bavuga ko yatwawe n’abarongoye igipolisi n’abarongoye iperereza mur’iyo komine, kandi bataramenya n’iyo bamujanye.
VII. Inama nshingamateka y’Uburundi irazi neza ko abarundikazi baja kurondera akazi mu bihugu vy’abarabu. Pascal Nyabenda, arongoye inama nshingamateka, asaba ko habaho itegeko rigenga abo bakenyezi baja kurondera akazi hanze. Ivyo mu runani CFOR Arusha bavuga ko biteye isoni, kubona abaserukira abanyagihugu badashobora kubakingira mu gihe bazi neza ko baja mu ngorane.
VIII. Umurwi wo kumenya ukuri, kurekuriranira no gusubiza hamwe vy’ukuri kw’abarundi bose, ufise icicaro i Kampala mu gihugu ca Ouganda, wandikiye umukuru w’igihugu c’Uburundi, umumenyesha ko ubusuma bwibonekeza mu gisata c’ubutare, yarakwiye kugitorera umuti vyihuta. Bamusaba gutuza abasahura igihugu, bitagenze uko bikazoboneka ko nawe abifisemwo uruhara.