Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 25/03/2022

Publié le 25 mars 2022 par Rédaction
I. Umwe mu banyororo bo mw’ibohero rya Gitega apfunzwe hadakurikijwe amategeko kuko haheze imyaka itari mike yarahejeje igihano yaciriwe na sentare. Ivyo biri mu rwandiko rw’ishirahamwe rukristu ryishinze kurwanya ugusunzikariza ubuzima kiremwa muntu ACAT Burundi.
II. Abafise imanza bose zacitse ariko zitarashirwa mu ngiro ni bareme kuko hagiye gutangura isekeza rigira kabiri ryo gushira mu ngiro bene izo manza. Ivyo bikaba vyashikirijwe n’umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa, Agnès Bangiricenge, mu kiganiro c’abavugizi b’inzego co kuri uno wa gatanu, mu ntara ya Rutana, aho ibibazo vyinshi vyabajijwe vyari bijanye n’ubutungane.
III. Abayobozi babiri b’idepo y’ibinyobwa vya Brarudi bita Mega SSD yo muri komine Mabanda y’intara ya Makamba, bari mu minwe y’igipolisi kuva kuri uyu wa kane. Bagirizwa mu busuma bw’amafranga angana n’imiliyoni 27 n’amakaziya y’ibinyobwa agaragara arenga ibihumbi bibiri.
IV. Ibitenge birenga 350 biva mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya ni vyo vyaraye bifashwe n’igipolisi muri komine Nyanza-lac. Amakuru ava ngaho i Nyanza-lac avuga ko ivyo bitenge vyari vyapakiwe mu miduga 2 yo mu bwoko bwa Fuso muri komine Mabanda bija Bujumbura, bikaba vyari vyanyegejwe mu mifuko irimwo ibijumbu n’amashu, nk’ukwo amakuru ava mu gipolisi abivuga. Ivyo bitenge n’iyo miduga bikaba vyaciye bijanwa muri komisariya y’igipolisi I Nyanza-lac ku mvo z’amatohoza, ariko bene ivyo bitenge ngo bakaba bataramenyekana.  Amatohoza akaba akibandanya, nk’ukwo izo nkuru zibandanya zibimenyesha.
V. Indwi zibiri ziraheze hacika umuyagankuba mu ma quartiers amwe amwe yo mu gisagara ca Bujumbura. Ababa muri ayo ma quartiers bakavuga ko kuva isaha zitanu z’ijoro badasubira kubona umuyagankuba. Basubira kuwubona bukeye. Basaba ishirahamwe REGIDESO gusigurira abanywanyi bayo ahari ingorane na cane cane ko bariha amahera y’umuyagankuba.
VI. Abanyagihugu basaba leta y’i Bujumbura kutihutira kudandaza imfashanyo y’igitoro y’amafranga arenga imiliyoni zitatu z’amadolari yatanzwe n’Ubuyapani. Abaganiriye na radiyo Inzamba basaba ko coshirwa mu bigega vy’intega bizoza. Abandi nabo bakipfuza ko leta yokidandaza ku mafranga ari munsi y’ibiciro vyari bihasanzwe, ikongera ikagikwiza ku ma station ari mu gihugu cose.
VII. Leta y’umugambwe CNDD-FDD ntaco itariko irakora ngo ikeneshe abarundi. Biri mw’itangazo ry’umugambwe w’abadasigana UPRONA utavuga rumwe na leta wasohoye kuri uwu wa kane, igenekerezo rya 24 ntwarante. Charles Nditije awurongoye akavuga ko ivyo bigaragazwa n’ingingo avuga ko ari iz’agahotoro zimaze iminsi zifatwa n’abategetsi. Atanga akarorero ku ngingo ibuza amapikipiki, amakinga n’ama TukTuk gushika mu bice bimwe bimwe vy’igisagara ca Bujumbura.
VIII. Musitanteri wa komine Giteranyi, Janvier Ndagijimana, yarahagaritswe mu mabanga yo kurongora iyo komine kuva ku musi wa kane w’ino ndwi, n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Gervais Ndirakobuca, nk’ukwo ikete uwo mushikiranganji yasohoye rivyerekana. Mu vyo musitanteri Ndajimana yagirizwa n’amakosa atatu: kugarariza amategeko ahawe n’abamukurira, gutwaza umukazo hamwe no gusesagura itunga rusangi, nk’ukwo iryo kete ribimenyesha. Ayandi makuru amenyesha ko musitanteri Ndagijimana yoba yagirizwa kandi umugambi wo kuzana amazi meza muri komine usa n’uwazingamye kandi watwaye amahera menshi arenga  umuriyaridi n’igice.

Ibindi bisa n'ibi