Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 25/03/2023

Publié le 25 mars 2023 par Rédaction
I. Musitanteri wa komine Nyamurenza mu ntara ya Ngozi, Sezariya Nizigiyimana yarahagaritswe kuri uwu wa gatanu mu mabanga yo kurongora iyo komine. Yahagaritswe kw’itegeko ry’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, ku mvo z’uko arangwa n’inyifato itabereye umurongozi, nk’ukuba ataco yitayeho mu vyo gutunganya ivya komine, nk’uko tubisoma mw’ikete rimuhagarika. Sezariya Nizigiyimana akaba abaye umusitanteri agize gatatu ahagaritswe muri ayo mabanga mu ntara ya Ngozi, kuva muri Mukakaro 2022.
II. Abaganga babiri bo ku bitaro bikuru vya Rumonge barapfungiwe mu gasho ka komisariya y’ igipolisi c’intara ya Rumonge, kuva kuri uwu wa kane igenekerezo rya 23 Ntwarante uno mwaka. Amakuru ava aho mu Rumonge avuga ko parquet iriko ibakurikirana ku caha co kudatabariza umuntu ageramiwe. Abitura ivyo bitaro bakaba basaba ko ubutungane bwokora kugira ngo ivyo gufata minenerwe abagwayi bitura ivyo bitaro, bihagarare.
III. Abategetsi b’Uburundi bategerezwa kugaba ku bwicanyi buriko buragirirwa abakenyezi, hamwe bakicwa n’abo bubakanye, ahandi bugakorwa na bamwe mu bajejwe umutekano. Abo bategetsi bategerezwa kwibaza ingaruka ivyo biheza bikagira ku bana vy’umwihariko. Ako n’akamo k’umuhari INAMAHORO, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro mu Burundi. Marie Louise Baricako awurongoye, akaba abivuze inyuma yaho hagandaguriwe umukenyezi Emmanuella Niragira, umwarimukazi wo mu ntara ya Ruyigi, mw’ijoro ryo ku wa gatatu muri quartier ya Sanzu. Baricako aboneraho no kwiyamiriza ukuntu ubutungane ataco bukora kugira hahanwe abakora ubwo bwicanyi.
IV. Ikiganiro Kw’isoko c’uno musi, kiza guca irya n’ino umugambi w’umukuru w’igihugu yipfuza ko umunwa wose woronka ico ufungura, umufuko nawo uronke amahera.

Ibindi bisa n'ibi