Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 25/04/2022

Publié le 25 avril 2022 par Rédaction
I. Umusore w’imyaka cumi n’icenda yarabuzwe irengero kuva ku wa gatanu w’indwi irangiye, yanyurujwe n’abantu bamukuye mu kabare muri Quartier Kinanira ya gatatu. Ni mu gihe kandi haheze indwi imwe gusa abantu batatu baratowe ari ibiziga, babanje kunyuruzwa n’abantu bataramenyekana mu gisagara ca Bujumbura.
II. Ubwoba ni bwinshi mu banyagihugu bo mu ma komine ya Mutaho mu ntara ya Gitega na Gihogazi muri komine ya Karusi. Ubwo bwoba bukaba buva ku myimenyerezo imaze imisi ihabwa urwaruka rw’imbonerakure, mu bibanza bimwe bimwe, izo mbonerakure ziba zifise n’imyambaro ya gisirikare. Abanyagihugu bo muri ayo ma komine basaba ko iyo myimenyerezo yohagarara.
III. Amakenga ni yose ku banyagihugu ku mutumba Rukoba, uri i Zege muri komine ya Gitega. Abo banyagihugu bakaba baherutse kumenyeshwa ko kuri uyo mutumba ariho hazokwubakwa inzu z’abashikiranganji n’abandi bategetsi bakomakomeye bo muri Leta. Abo banyagihugu bakaba bamenyeshejwe ko bazoronka umuzibukiro ariko ntibazi uko ungana. Ivyo bakaba babimenyeshejwe n’uwurongoye uyo mutumba mu nama yabagirishije haraciye indwi. Abo banyagihugu bakaba basaba ko bamenyeshwa ingene uwo muzibukiro uzoba ungana.
IV. Abanyagihugu bo mu gisagara ca Ngozi baridoga bavuga ko iyo isukari ibonetse itangwa nabi n’abajejwe kuyitanga. Ngo batanga igice gitoya, ikindi kigacuruzwa mu nzira za magendo ku giciro kitarekuwe n’amategeko. Aho ikilo 1 kigurwa amafranga 5.000, mu gihe igiciro cemewe n’amategeko ari 2.500 vy’amafranga y’amarundi.
V. Imyidogo ni myinshi ku barimu b’abarundi bigisha mw’ikambi ya Mulongwe, iri mu gihugu ca republika iharanira demokrasi ya Congo. Ni mu gihe bamaze amezi atandatu bataronswa agashirukabute kahora gatangwa n’ishirahamwe mpuzamakungu HCR. Abanyeshure baganiriye na radiyo Inzamba basaba ko iryo shirahamwe ryotunganiriza abo bigisha, kugira ngo babandanye bigisha.
VI. Umugwi wa Dynamo ni wo waraye utwaye igikombe c’inkino zugurura ihiganwa muri Basketball. Muri Judo, Uburundi bwatahukanye imidari 7 mw’ihiganwa rigira 14 rihuza ibihugu vyo muri kano karere, na yo mu mupira w’amaguru imigwi ya Flambeau du Centre, Bumamuru, Buja City na Aigle Noir ni yo izokina igice ca kabiri gishira ica nyuma, mw’ihiganwa ry’igikombe c’umukuru w’igihugu.

Ibindi bisa n'ibi