Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 25/04/2023

Publié le 25 avril 2023 par Rédaction
I. Abanyagihugu bo muri zone ya Murago, muri komine ya Burambi, intara ya Rumonge baratewe umutima uhagaze n’amatohoza ariko arakorwa n’umukuru wa zone Hatungimana Laurent ku bitigiri vy’ingo z’abatutsi, hamwe n’imiyabaga y’abasore bo muri izo ngo nyene. Urwo rusansuma rurongowe n’uyo mukuru wa zone, afashijwe n’abarongoye imitumba y’iyo zone. Ivyo bikaba vyamenyekanye inyuma yaho uyo mukuru wa zone atereye inyandiko zerekana ico gikorwa, muri kimwe mu vyumba bigirirwamwo inama muri komine ya Burambi. Abo banyagihugu bakavuga ko ari integuro yo kubagandagura, kuko uyo mukuru wa zone adasiba kubahigira ko azoteba akica abatutsi baba muri zone arongoye. Uruganda rwa radiyo Inzamba twagerageje kurondera kuri telefone uwo arongoye zone Murago ruramukena. Ariko tubajije musitanteri wa Burambi, Ndayizeye Marie Fabiola, we avuga ko ata rusansuma iriko iraba.
II. Ibikorwa vy’umugambwe CNL vyaraburabujwe ku musi wa gatandatu uheze, muri komine Nyanza-Lac mu ntara ya Makamba. Ni mu gihe umukuru w’uwo mugambwe Agathon Rwasa yari yagendeye iyo komine, aho hari hategekanijwe ibikorwa bitari bike vy’umugambwe. Abanywanyi b’umugambwe CNL bakavuga ko ari agatotezo bariko baragirirwa, kuko bari bafise uruhusha rwo gutunganya ivyo bikorwa.
III. Igenekerezo rya 25 ndamukiza uko umwaka utashe Uburundi burifatanya n’amakungu mu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe kugwanya Malaria. Uyu mwaka icivugo cawo ni « Twisunge ubuhinga bugezweho, turandurane imizi indwara ya Malaria ». Ivyo vyashikirijwe na Muganga Sylvia Nzeyimana, umushikiranganji w’amagara y’abantu. Hari kuri uyu wa kabiri, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Ku bwiwe, uyu munsi ni akaryo keza ko gusubira  kwibukanya ko ari ngombwa gutuza iyo ndwara mu gihugu.
IV. Mw’ikambi y’impunzi z’abarundi i Lusenda mu gihugu kibanyi ca Congo iharanira demokrasi, haravugwa ingorane zitari nke bahura na zo mu gihe bagiye kwivuza. Ibura ry’abaganga bavyigiye, ukudafata neza impunzi zigiye kwivuza kubera ingorane abaganga bafise, ni bimwe mu vyo abaja kwivuza canke kuvuza ababo bashikiriza. Uwuserukira izo mpunzi, aremeza ko hari ibibazo vyinshi bijanye no kwivuza, ariko agasaba impunzi kwihangana kuko yamaze kubishikiriza inzego zibijejwe.
V. Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu k’impunzi ziba mw’ikambi CBDH-VICAR asigura ko abaganga bakorera mw’ikambi y’impunzi z’abarundi iri i Lusenda bakwiye gushira imbere akarangamutima k’ubuganga bagatunganiriza abantu babituye ata ngorane. Sharangabo asaba leta ya Congo hamwe n’ishirahamwe HCR kwumvikana, bagatorera inyishu ico kibazo co kuronsa imishahara abo baganga.

Ibindi bisa n'ibi