I. Ubwicanyi bwimonogoje mu ntara za Makamba na Rutana. Abantu batatu barishwe kuva ku musi w’Imana uheze mu buryo butaramenyekana, nk’ukwo amakuru dukura muri izo ntara abimenyesha. Imbonerakure zo mu mugambwe CNDD-FDD ziradomwako urutoke muri ayo mabi. Abanyagihugu bakababazwa n’ingene ibiziga vy’abishwe bica bihambwa vyihuta, ata matohoza abaye.
II. Bamwe mu rwaruka rw’imbonerakure rukizura iyo bugorovye ku mutumba Mukoni muri komine n’intara ya Muyinga, baragirizwa n’abanyagihugu bo muri ako gace ko babahohotera bakanabambura utwo baba bafise. Basaba abajejwe intwaro guhagarika iyo nyifato y’imbonerakure.
III. Hari umwigeme azwi kw’izina rya Chantal Ndayikengurukiye w’imyaka 19, avuka ku musozi Rwegura na komine Muruta intara ya Kayanza, ari mu minwe y’igipolisi mu Kayanza kuva kuri uwu wa gatatu. Akaba yagirizwa kuba yashatse kwica umwana w’uruyoya yari ahejeje kuvyara, mu kuruta mu kazu ka surwumwe ariko Imana igakinga, kuko yahavuye akurwayo akiri muzima.
IV. Imyidogo ni myinshi mu banyagihugu bo mu ntara ya Karusi, aho hariko hatozwa ku gahato amafranga yo kwubaka ikibuga c’inkino ca kijambere muri iyo ntara. Amakuru dukura muri iyo ntara, amenyesha ko ayo mafranga atozwa ku mitumba yose igize iyo ntara, eka no ku mabarabara aho uwuhita wese ategerezwa kuyatanga. Ivyo biri uko mu gihe abanyagihugu bayatanze bataronswa igitansi cerekana ko bayarishe. Bagasaba abajejwe intwaro muri iyo ntara gutorera umuti ico kibazo.
V. Hagiye gushirwaho ingingo nshasha zo gucungera umutekano w’impunzi z’abarundi bahungiye mw’ikambi ya Lusenda, mu gihugu ca Congo iharanira Demokrasi. Vyashikirijwe kuri uyu wa kane mu nama y’umutekano hagati y’impunzi n’ibisata bitandukanye bijejwe umutekano w’impunzi, harimwo na HCR. Muri izo ngingo harimwo kugabanya uruja n’uruza mw’ikambi, cane cane ku batagira ivya ngombwa bibarekurira kuba mw’ikambi.