I. Inyuma y’aho icegera c’umukuru w’igihugu mushasha Prosper BAZOMBANZA n’umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume BUNYONI, barahiye imbere y’inama nshingamateka ko bagiye kurongora igihugu, bamwe mu barundi baganiriye na radio Inzamba basaba ko amahoro n’umutekano vyogaruka mu gihugu. Abandi nabo bati nta cizere ko ibintu bigiye guhinduka ngo kuko intwaro ari ya yindi atacahindutse.
II. Mu ntara ya Muyinga havugwa ukutitaho amabwirizwa yo kwirinda ikiza ca Covid 19. Abaja mu bibanza bihuriramwo abantu benshi nk’amasoko, ntibagikaraba. Abava hanze y’igihugu na bo ntibubahiriza imisi 14 itegekanijwe kugira ngo babasuzume, abajejwe kuvyubahiriza ntihagire ico babivugako.
III. Itotezwa rikorerwa umupfasoni Concessa Nzeyimana ageze mu za bukuru aba muri zone Gatabo, ya komine Kayogoro, mu ntara ya Makamba, ngo ni ibiterasoni na cane cane ko bikorwa n’abajejwe intwaro. Vyamenyeshejwe n’umupfasoni Immaculée Hunja yanonosoye ivyigwa vy’amategeko, akaba n’umwe mu baharanira agateka ka zina muntu n’ak’abakenyezi. Avuga kandi ko umukenyezi nk’urya ageze mu za bukuru, aho guturatuzwa yarakwiye kwitabwaho akanabungwabungwa n’abajejwe intwaro n’umutekano.
IV. Imyaka irabaye cumi abasirikare bo muri promotion ya 37 mw’ishure rya gisirikare ISCAM batongezwa ipete n’abarongoye igisirikare, ivyo izo ntwazangabo zibonamwo akarenganyo kanini. Ivyo bavuga bikabonekera nko kuri bagenzi babo muri promotion ya 38 baronkejwe ipete rya major mu mwaka wa 2017. Abo basirikare bo muri promotion ya 37 ngo boba bariko bazira ko bose bahoze mu gisoda ca kera, abo bita aba Ex FAB.
V. Igihe amasezerano y’akazi afise ikiringo (contrat déterminé) arengeje ikiringo cemeranijwe n’umukozi n’umukoresha, ayo masezerano acahindura kamere akitwa amasezerano atagir’igihe n’ukuvuga contrats indéterminés. Ivyo bivugwa na Vital Nshimirimana, aharanira agateka ka zina muntu. Akaba abivuze inyuma y’aho abakozi b’ihuriro FENACOBU, rihurikiyemwo ama koperative mu Burundi, bidogeye urwo runani ko rubakoresha ibijanye n’umugambi w’igihugu, wo gutanga ifumbire mu banyagihugu kuva mu 2016, kandi amasezerano y’akazi afise ikiringo bita contrat déterminé yaraheze haraciye imyaka igera kuri ine. Vital Nshimirimana.