I. Abanyagihugu bo mu ntara ya Rumonge baridogera ubuyobozi bw’intara, ko ibikorwa vyo kwubaka inyubakwa izokoreramwo ibiro vy’intara birangwamwo ubunyonyezi. Mu gihe mu nteguro yayo, iyo nyubakwa yari itegekanijwe kuba igorofa igeretswe gatatu, hagaragara inzu imwe itarenga. Ikibabaza abo banyagihugu ngo n’ukwo baguma batozwa amafranga batabona iyo aja. Bagasaba ko ico kibazo cokurikiranwa hafi n’ababijejwe. Ikibazo kiza kiri mu minwe y’umukuru w’igihugu.
II. Imyidogo ni myishi mu badandaza isukari bo ku mugwa mukuru w’intara ya Makamba. Bakavuga ko bakurwa ku ntonde bagasubirizwa na bamwe mu banywanyi ba CNDD-FDD. Ivyo biri uko mu gihe n’iyibonetse idaheza ngo ironke umuntu uwari we wese ayipfuza, ngo kuko babanza guha abanywanyi b’uwo mugambwe uri ku butegetsi, abandi igahera barorera. Abo badandaza basaba abarongoye intwaro muri iyo ntara gukurikiranira hafi ico kibazo, bongere bagitorere umuti.
III. Itohoza ritegekanijwe mw’ikambi ya Nduta mu gihugu ca Tanzaniya, kuva kuri uyu wa mbere rirahagaritse umutima impunzi. Rizotangura italiki 27 z’uku kwezi nk’ukwo amakuru avayo abivuga. Kimwe mu vyo ishirahamwe riraba impunzi kw’isi HCR hamwe n’abategetsi ba Tanzaniya bashaka gushikako, n’ukuronka amakuru y’igituma impunzi zidashaka gusubira mu Burundi. Ariko rero kubona impunzi zose zitazobazwa biraziteye amakenga.
IV. Umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu n’amahinguriro yaraye amenyesheje ko bimwe mu bituma abanyamitahe batazana imitahe yabo mu Burundi, ari uko hari umuyagankuba muke cane. Ivyo Abraham Uwizeye yabishikirije ku wa kane w’iyi ndwi turiko turasozera, mu nama nshingamateka y’Uburundi. Aho yariko avuga ko ikoreshwa ry’umuyagankuba uturuka kuri Uranium hamwe ubonetse, ko ata cobuza ko ukoreshwa mu Burundi.
V. Ir. Albert Nsengiyumva, umwigisha muri kaminuza y’i Liège mu gihugu c’Ububiligi, avuga ko leta y’Uburundi nayo ifise ugushaka guke mu guteza imbere ico gisata. Agasigura ivyokorwa kugira ngo Uburundi bushobore kuronka umuyagankuba ukwiye.
VI. Ikiganiro « Kw’īsôko » c’uno musi gishimikira ku bijanye n’ubushakashatsi hamwe n’ingurane ihabwa abanyeshure muri kaminuza.