Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 25/07/2020

Publié le 25 juillet 2020 par Rédaction

I. Imiryango y’abantu babiri bo ku mutumba Bitezi, muri komine Matana, intara ya Bururi, irasaba ko ababo bafungiwe mu gasho k’iyo ntara borekurwa. Bahagaritswe barikumwe n’abandi bantu batanu, bagirizwa bose kuba bakubise imbonerakure yo kuri uyo mutumba. Abo batanu mu nyuma ngo bararekuwe na parike ya Bururi batanze igiturire. Abo babiri bagumizwa mu gasho kandi bagirizwa icaha kimwe, ngo n’uwubasambisha yari umwe.

II. Ubutungane bw’Uburundi ngo bufise ishusho mbi mu barundi no mu makungu. Ukwo niko vyemezwa n’umushikiranganji mushasha ajejwe ubutungane, mu gihe yari ahejeje kubonana n’abacamanza, be n’abashikirizamanza barongoye abandi, mu bushikiranganji arongoye. Jeanine Nibizi yemeje ko agiye kwihutira gusubiza isura nziza urwego rw’ubutungane bw’Uburundi, mu kurwanya igiturire catse indaro muri ico gisata. Jeanine Nibizi.

III. Uwo mushikiranganji w’ubutungane ngo yoba yemeye kwimena igihute, niyaramuka ashoboye gukora ivyo yiyemeje. Bishikirizwa na Vital Nshimirimana, yahoze arongoye sendika y’abacamanza SYMABU. Avuga ko ivyo bishobora guherera mu majambo gusa. Vital Nshimirimana.

IV. Imyidogo ni myinshi mu mpunzi z’abarundi zigendana indwara zidakira, ziri mw’ikambi y’i Mulongwe, mu gihugu ca Repuburika iharanira demokarasi ya Congo. Amakuru ava muri iyo kambi, amenyesha ko abo barwayi badakurikiranwa bihagije canke ngo banaronswe n’imiti yo gupfupfahaza izo ndwara.

V. Tanzaniya yategerezwa kuvavanura n’ivyo vyose bituma impunzi zitaha zitabishaka. Ivyo bivugwa na Janvier Bigirimana yize ivy’amategeko, akaba aharanira agateka ka muntu. Impunzi 12 zaranyurujwe ku musi wa kane uheze, mw’ikambi ya Mtendeli. Mu kiringo c’amezi abiri, abandi barenga 10 baranyurujwe mw’ikambi ya Nduta, nkuko amakuru avayo avyemeza. Kubw’umushingwamanza Janvier Bigirimana, ivyo kunyuruza impunzi n’ayandi majambo ajana ku gutegeka impunzi gusubira mu Burundi biteye kubiri n’amategeko yubahiriza n’agateka k’impunzi.

VI. Uno musi, ikigabane « Kw’Isôko » gishimikira ku majambo aheruka kuvugwa n’umukuru w’igihugu c’Uburundi. Bamwe mu bahinga bavuga ko ari amajambo abiba urwanko.

Ibindi bisa n'ibi