I. Amagara y’umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye abandanya gusinzikara aho apfungiwe mw’ibohero rya Muyinga. Amakuru ava mw’ibohero rya Muyinga, amenyesha ko haheze iminsi uwo mumenyeshamakuru ageramiwe n’indwara yo guhema nabi bita Asthme, ko kandi atahengeshanije gutabaza ku barongoye ibohero ko yosohoka kwivuza, bikaba impfagusa. Gushika kuri uno wa kabiri, urwo ruhusha akaba atari bwaruronswe. Ibiriko birashikira Floriane Irangabiye bikaba bihagaritse umutima ishirahamwe rukritsu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu. Anitha Gateretse, umuhuzabikorwa muri ACAT-Burundi asaba ubushikiranganji bw’ubutungane gufata ingingo zihuta kugira Floriane Irangabiye avuzwe, harimwo no kumumanukana mu gisagara ca Bujumbura ngo akurikiranwe kurusha.
II. Hari umupfasoni azwi kw’izina rya Sabukunze Antoinette ari kumwe n’abana biwe babiri ariko araturatuzwa n’uwo bubakanye, afise ipete rya colonel mu gipolisi. Uyo mudamu akaba yaraburanye n’umugabo wiwe muri sentare, aramutsinda baranamushikiriza inzu iri mu Carama, mu gisagara ca Bujumbura. Ariko kubera igihagararo, uyo mupfasoni yahavuye ata urugo n’abana biwe. Asaba ubutungane kumurenganura.
III. Léonard Manirakiza ni we agiye kuba umushikirizamanza kizigenza wa republika y’Uburundi, asubiriye Sylvestre Nyandwi, yari muri ico kibanza kuva mu 2016. Akaba yemejwe n’inama nkenguzamateka y’Uburundi kuri uyu wa kabiri, yemejwe kumwe n’abandi 8 bagiye gukora muri sentare ntahinyuzwa. Amazina yabo akaba yashikirijwe inama nkenguzamateka n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye. Mbega none uyo mushikirizamanza mushasha azomari iki muri iki gihe igisata c’ubutungane cagirizwa gukoreshwa na bamwe mu bategetsi? Kubwa Vital Nshimirimana yahoze arongoye syndicat y’abacamanza SYMABU, ubu arongoye urunani FORSC, ntaco azohindura urabiye ku vyamuranze muri kahise kiwe, aje gukoreshwa nk’uko n’abo akoreye mu ngata babayeho muri ico kibanza. Ubutungane buzoguma mu maboko y’umugambwe uri ku butegetsi.
IV. Ubushikiranganji bujejwe ivyo kwunguruza abantu n’ibintu buherutse gushinga ibiciro bishasha vyo kwiyunguruza mu gisagara ca Bujmbura no hagati mu gihugu. Ubwo bushikiranganji busigura ko ivyo biciro vyahindutse kubera igitoro giherutse kuduzwa igiciro, aho hakaba hari kw’igenekerezo rya 21 uku kwezi nyene turimwo.
V. Iduzwa ry’ibiciro vyo kwiyunguruza rije guhuhura ivyari bisanzwe bihuha, mu gihe abanyagihugu bari mu buzima bugoye buturutse kw’ikena ry’ibitoro, rigatuma ibintu vyose bizimba. Abanyagihugu bo mu ntara zitandukanye bashoboye gushikiriza ico biyumvira kuri radiyo Inzamba agateka kawe, babona ko leta yogerageza igakora ibishoboka ibitoro bikaboneka, kugira ababishoboye babigure bashobore kubandanya ubuzima, ariko kandi ku basigaye n’umwiheburo nta ngere.
VI. Abadandaza b’inyobwa vya Brarudi, ab’ isukari hamwe n’abadandaza isima ihingurwa n’uruganda BUCECO muri komine Muyinga, basabwa kubahiriza ata gisabwe ibiciro vyashinzwe na leta. Abazobirengako nabo ngo bakazohanwa hisunzwe amategeko. Ivyo n’ivyashikirijwe ku musi w’ejo na musitanteri wa komine Muyinga Amédée Misago, mu gihe ibiciro vy’ibintu vya nkenerwa biriko biraduzwa cane. Mu nama yagiranye n’abajejwe intwaro hamwe n’abadandaza akaba yibukije abadandaza kubahiriza ibiciro vyashinzwe na leta.