Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 25/08/2020

Publié le 25 août 2020 par Rédaction

I. Ibintu n’ubu ntibirasubira mu buryo mu ma komine ya Muhuta na Bugarama, mu ntara ya Rumonge, inyuma y’igitero c’abitwaje ibirwanisho co kuri uyu w’Imana uheze. Amakuru ava muri ayo ma komine, avuga ko hacumvikana amasase mu bice bitandukanye vy’izo komine. Abamaze gukomereka bazwi bakaba bagera kuri batatu. Abanyagihugu bakamenyesha ko bari mu bwoba bwinshi kubera uyo mutekano muke urangwa iwabo.

II. Urwaruka rwerekanywe ku mboneshakure no ku mbuga ngurukanabumenyi bavuga ko ari abarwanyi bafashwe, ngo si abarwanyi vy’ukuri kuko aho bafatiwe ari mu kibanza kiri kure y’ahariko habera izo ngwano. Bamwe mu banyagihugu b’i Mukike no mu Mugamba bavuga ko bamwe muri bo babamenye.  

III. Kubona hari abarundi bahitamwo gufata ibirwanisho kugira barwanire uburenganzira bwabo, ngo nta gitangaje kirimwo kandi si na bwo bwa mbere. Ivyo bishikirizwa na Jérémie MINANI arongoye umugambwe RDB utavuga rumwe na leta, akabona ko ivyo ari ingaruka z’uko leta yanse ibiganiro n’abo bitavuga rumwe. Jérémie MINANI avuga ko igihugu kigiye mu ntambara yaba uwurwanya leta canke leta nyene, ata n’umwe avyungukiramwo. Agatera akamo leta kwemera ibiganiro bihurikiyemwo bose ata maraso y’abarundi arinze guseseka.

IV. Pasteri Emmanuel Sinzohagera umukengunzamateka yatowe mu ntara ya Bujumbura, ni we yatowe kuri uyu wa kabiri kuba umukuru w’inama nkenguzamateka. Uyo nawe akaba asubiriye uwarahamaze imyaka 5 Reverien Ndikuriyo. Uwatowe kuba Icegera ca mbere ni Spès Caritas Njebarikanuye yatowe mu ntara ya Gitega. Uwitwa Nshimirimana Cyriaque nawe wo muri Ruyigi yatowe kuba icegera ca kabiri. Abo bose bakaba baturuka mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.

V. Igikorwa co kwandika impunzi z’abarundi bo mw’ikambi ya Mahama mu gihugu c’Urwanda zishaka gutaha, kigenda neza muri rusangi. Ariko rero haribonekeza inyifato ya bamwe bamwe mur’izo mpunzi zishaka gutaha, nko kugumura abandi n’ibindi.

VI. Impunzi z’abarundi zigera ku 558 nizo zimaze gushirwa ku rutonde z’abiteguye gutahuka kuri uno wa kane, ariko urutonde ntabanduka rukazomenyekana baronkejwe urupapuro rwo kwa muganga rwemeza ko bapimwe umugera wa Covid 19, nkuko vyasabwa n’ama leta y’Uburundi be n’Urwanda. Ivyo vyemezwa na Elise Villechalane, avugira HCR mu gihugu c’Urwanda. Avuga ko imyiteguro yo gutahukana impunzi guhera kuri uno wa 27 Myandagaro iriko igenda neza. Uwo muvugizi wa HCR mu gihugu c’Urwanda akaba yamenyesheje ko impunzi bababa 1800 ari bo bamaze kumenyesha ko bipfuza gutaha, harimwo abo mw’ikambi y’i Mahama be n’abari mu gisagara ca Kigali.     

Ibindi bisa n'ibi