I. Urubanza rw’abaforoma babiri rwateye agashavu mu banyagihugu b’i Makamba. Aba na bo bagirizwa kwifatanya n’abakorora imbanyi no kwonona ibiziga. Urwo rubanza rwaciwe italiki 15 z’uku kwezi ntirwakiriwe neza n’abanyagihugu b’i Makamba. Basigura ko hoba haragiyemwo igiturire. Barerekana ko uretse ko icaha kimwe bagikuweko, urwo rubanza rwaciwe mu gihe c’akaruhuko ku bacamanza.
II. Ugupfungwa imyaka iri hagati y’itanu na cumi, hamwe n’ukuriha ihadabu iva ku miliyoni zitanu na cumi z’amafranga y’amarundi, ni co gihano sentare nkuru y’igihugu yo mu Kayanza yaraye ihanishije abantu indwi bava muri komine Kabarore. Hakaba hari mu ntahe y’imanza z’ikibiriraho yo ku muhingamo wo kuri uyu wa gatatu. Sentare ikaba yahanye abo bantu inyuma y’iburanishwa ku bijanye n’ubutare, abakenyezi batatu muri bo, bafatanywe mw’ijoro ryo ku musi w’Imana bariko bagerageza kubushora mu rufuri, kandi batabifitiye uruhusha.
III. Ikibazo c’ibura ry’ibifungurwa mu mabohero y’Uburundi riva ku bitigiri vy’umurengera bibarizwa mu mabohero kubera ugufunga abantu bidakurikije amategeko. Nk’uko ibitigiri bitangwa n’ishirahamwe APRODH riharanira agateka k’abanyororo, amabohero ari mwo abanyororo baharurwa ku 12 500, mu gihe ayo mabohero afise ibibanza 4 200 gusa. Ivyo bisigura ko amabohero aronswa ibifungurwa vy’abantu 4 200 ariko bigasangirwa n’abanyororo 12 500. Pierre-Claver Mbonimpa, arongoye APRODH, asaba leta kurekura abantu kugira ico kibazo gihere. Ni mu kiganiro Karahara mu ruganda ntibacura c’urunani rw’ibimenyeshamakuru radio Inzamba Agateka Kawe, RPA na Television Renaissance.
IV. Igisata ca ONU kijejwe impunzi HCR kirasaba Leta ya Tanzaniya kugabanya ibihano ku mpunzi z’abarundi bapfungiwe mu busho butandukanye mu ntara ya Kigoma. Vyashikirijwe kuri uyu wa kabiri mu nama abaserukira HCR bagiranye n’abaserukira ama sentare yose yo mu ntara ya Kigoma, mu gihe abarenga 200 bapfunzwe bagirizwa amakosa atandukanye, harimwo ubugizi bwa nabi, ubusuma n’indyane zo mu ngo.