Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 25/08/2023

Publié le 25 août 2023 par Rédaction
I. Umugambi wo guhindura igisagara ca Bujumbura ngo gise nk’ibindi bisagara vyo mu karere ka Africa y’ubuseruko, mu myaka 15 iri imbere, vision ya 2040 nk’uko vyaraye bishikirijwe n’umushikiranganji Dieudonné Dukundane mu vyo ajejwe harimwo inyubako ngo n’ibintu bidashoboka. Bishikirizwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo, kugira bashike kw’iterambere rirama. Faustin Ndikumana agahanura leta kubangira kuri uwo mugambi, kuko ari umugambi uvuzwe gihutihuti kandi utarigwa neza.
II. Abanyagihugu bo muri komine Mukaza baganiriye na Radiyo Inzamba, babona ko iyo ngingo ata shingiro ifise. Bavuga ko bashigikiye iterambere ry’igihugu na komine Mukaza ariko bakanegura ko ata biganiro vyabaye hagati y’impande zose zegwa n’ico kibazo. Bagasaba ubushikiranganji bw’inyubako kubangira iyo ngingo ikabanza kwigwa neza.
III. Imyidogo ni myinshi mu banyagihugu bo muri komine Giteranyi mu ntara ya Muyinga bamaze imyaka ishika 4 barindiriye umugambi wo kubazanira amazi meza, ku burebure burenga ibirometero 40 uja mu ngiro, none amaso yaheze mu nzira. Uwo mugambi wo kuzana amazi meza muri komine Giteranyi wari ufashwe mu mugongo n’ibanki y’isi yose ku mafaranga arenga umuriyaridi w’amahera y’amarundi, ugakurikiranwa na projet yitwa LADP (Local area development project), ishami ry’umugambi Rusumo power company limited). Musitanteri wa komine Giteranyi, Floride Nduwayezu, ngo yashize imbere inyungu ziwe ahereza isoko umuntu ata bumenyi na buto afise.
IV. Abanyagihugu bo mu ntara ya Makamba ntibumva kumwe ibijanye no guhindura ingingo ya majana abiri na mirongo umunani n’icenda 289 yo mw’ibwirizwa nshingiro, ivuga ku bijanye n’igabangana ry’ibibanza mu nzego za Leta hisunzwe amoko. Ni mu gihe abarongoye inama nkenguzamateka bamaze igihe, bari mw’isekeza rijanye n’ico gikorwa. Icegera c’umukuru w’inama nkenguzamateka Denise Ndadaye, akaba ari we yari yishikiye muri iyo ntara ya Makamba kugira yumve ico abanyagihugu bo muri iyo ntara bagona ku bijanye n’iyo ngingo.
V. Leta y’Uburundi ngo ikwiye kumenya ko imbere yo guhamagarira abarundi baba muri diaspora gufasha mw’iterambere ry’igihugu, yari ikwiye ubwa mbere gusubira kugira Uburundi igihugu kigendera ku mategeko. Bivugwa na Pacifique Ndayisaba aserukira abarundi baba mu gihugu ca Australie. Abivuze inyuma yaho Leta y’Uburundi itunganirije indwi yahariwe abarundi baba muri diaspora. Pacifique Ndayisaba abona ko ivyo bibaye, diaspora ntibobanza no kuyitumira yokwizana.

Ibindi bisa n'ibi