Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 25/09/2020

Publié le 25 septembre 2020 par Rédaction

I. Imvugo zibiri zivuguruzanya ni zo ziranga Evariste Ndayishimiye ku bijanye n’ukwerekana amatungo y’abategetsi b’igihugu, imbere y’ukwo batangura ikiringo cabo. Mu kiganiro yahaye abanyagihugu kuri uyu wa gatanu, mu ntara ya Gitega, Evaritse Ndayishimiye yavuze ko amatungo y’abagetsi ari ibanga ryabo. Ariko mu kwezi guheze, yari yasavye abategetsi ko bomenyesha amatungo yabo, vuba bwango. Pacifique Ninanahazwe, arongoye ishirahamwe FOCODE, akabona ko uko kwivuguruza ari ugukingirira ubusuma bw’abategetsi.

II. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye muri ico kiganiro yamenyesheje kandi ko umuryango w’ubumwe bwa buraya wafatiye ibihano Uburundi, ngo ushaka kugaruka uzokwizana ngo udashatse uzoreke. Frédéric Bamvuginyumvira akabona ko iyo mvugo itangaje ku gihugu ca nyuma kw’isi gikenye.

III. Abantu batanu harimwo umukenyezi n’abana biwe 3, bamaze kabiri bapfungiwe mu gasho k’igipolisi ka komine Giteranyi, mu ntara ya Muyinga. Bagirizwa ko bashatse kurenga imbibe z’igihugu, baciye mu nzira zitemewe n’amategeko. Abegereye umuryango wabo basaba ko borekurwa, kuko we n’abo bana ataco bariko barazira. Bakaba baje bava muri komine Bugarama y’intara ya Rumonge.

IV. Uko umwaka utashe, kw’igenekerezo rya 25 Nyakanga, n’umunsi mpuzamakungu wahariwe abahinga b’imiti. Kubwa BIZIMANA Désiré arongoye urwego rw’igihugu ruhurikiyemwo abahinga b’imiti, uwo munsi mukuru ushitse mu Burundi hari ubukene bw’abahinga b’imiti, kuko igitigiri kiri mu gihugu ari gito ugereranije n’ubwinshi bw’abantu buhari. Asaba reta gushiraho igisata cagenewe abahinga b’imiti, muri kaminuza y’Uburundi.

V. Ikiza ca Covid 19 gihanze isi, nticasize inyuma impunzi z’abarundi za Huye, mu gihugu kibanyi c’Urwanda. Abanyeshure bari mu ngorane zo kutaja kw’ishure, abigisha nabo bakorera abigenga, akazi karahagaze.

VI. Abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu bakwije kuri uno wa gatanu, iminsi 340 bapfunzwe. Christine KAMIKAZI, Agnès NDIRUBUSA, Térence MPOZENZI na Egide HARERIMANA, baciriwe umunyororo wo gupfungwa imyaka ibiri n’igice, hamwe n’ihadabu ringana n’umuriyoni kuri umwe wese, na sentare nkuru y’igihugu, mu ntara ya Bubanza. Tubibutse ko abo bamenyeshamakuru bahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu umwaka uheze, i Bubanza. Bakaba bagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu, ingingo amashirahamwe y’abamenyeshamakuru n’ay’abaharanira agateka ka zina muntu, yiyamirije.

Ibindi bisa n'ibi