Hari ikiziga c’umuntu w’umugabo catowe ku muhingamo wo kuri uwu w’Imana mu mugezi wo ku mutumba Nyakuguma muri zone Kigwena mu ntara ya Rumonge. Amakuru ava kuri uwo mutumba avuga ko abariko barahita aribo babonye ubwa mbere ico kiziga imbere yo gutabaza intwaro n’igipolisi. Amakuru ava mu begereye intwaro n’igipolisi akaba avuga ko uwo mugabo atashoboye kumenyekana kuko ata bimuranga yari afise. Mu gihe bamwe bavuga ko uwo mugabo yoba yaranizwe, abandi bavuga ko yoba yishwe n’inzoga zikaze yoba yaranyoye. Mu ntwaro no mu gipolisi basigura ko amatohoza yatanguye kugira ngo uwo muntu icamwishe n’abamwishe bimenyekane.
Hari umwigeme nawe apfungiwe mu gasho k’inyamiramabi ka komine Nyabihanga mu ntara Mwaro kuva ku mugoroba wo kuri uwu w’Imana. Nadine Nduwimana, w’imyaka ishika 20 wo ku mutumba Kibogoye, yahagaritswe inyuma yo guta mu kazu ka surwumwe umwana yari ahejeje kwibaruka nk’uko amakuru ava kuri uwo mutumba abivuga. Amakuru yegereye abo mu ntwaro no mu gipolisi muri komine Nyabihanga, aremeza ayo makuru, agatomora ko uwo mwigeme yoba yatewe ubwoba n’umugabo yamuteye iyo nda amubwira ko adakeneye ko uwo mwana avuka kuko atazomwemera. Uwo mwana akaba yakuwe mu kinogo c’imetero zishika 15 ahema nabi, ubu akaba ariko aravurirwa ku bitaro vyo mu Kibumbu muri komine Kayokwe mu ntara ya Mwaro nyene. Uwo mwigeme akaba apfunzwe yagirizwa kugerageza kwica umwana.
Umuntu umwe yarakubaguwe mu kigo ca kaminuza y’uburundi kiri muzi zone kamenge. Abandi bantu nabo bane barafashwe gushikubu ntahuzi irengero ryabo. Ivyo tubisanga mucegeranyo casohowe kuruyu wa 24 nyakanga 2023 n’ishirahamwe Sos torture Burundi co muriyi ndwi twaraye dusozereye. ayo mabi akagirizwa bamwe murwaruka rw’imbonerakure hamwe na bamwe bo mugwego gw’iperereza. Denis Ndayishemeze ajejwe kumenyesha amakuru muriryo shirahamwe agasaba abarongoye igihugu guhagarika ayo mabi bagashengeza mubitungane n’abayagirizwa.
Umwana umwe yarakomerekeye mw’isanganya ry’umuriro Inzu nayo yabanamwo n’abavyeyi biwe n’abandi bavukana, irasha iratokombera n’ivyari muriyo vyose ejo kuwa mungu k’umugoroba w’ijoro, k’umutumba Cibari, zone Munagano ya komine n’intara ya Muyinga. Nkuko amakuru ava kur’uwo mutumba avyemeza, iryo sanganya ry’umuriro ryaturutse Ku gitoro cari kibitswe mur’iyo nzu nkuko bimenyeshwa n’ababa hafi yahabereye iryo sanganya. Igitoro kinyegejwe mu mazu kiriko ciha inkumbi mu gihe Ku ibituro vyaco biri mu ntara ya Muyinga kiboneka rimwe na rimwe. Hari haheze hafi amezi 2 umugabo wo m’umuryango wa hafi y’uwo yaraye ahishije inzu afashwe arapfungwa kubera urudandazwa rwihishwa rw’igitiro maze Sentare nkuru y’igihugu ya Muyinga imuhanisha umunyororo w’umwaka canke kuriha ihadabu ringana n’umuriyoni w’amafaranga y’amarundi.
Hari inyamiramabi zibiri (OPJ) mugifaransa zahora zikorera Ku cicaro ca komisariya y’igipolisi I Ngozi, kuri uwu wa mbere barungitswe kuri uwu wa mbere gukorera ahandi ivyo bita mutation mu gifaransa. Iyo ngingo ikaba yavuye k’ukubera ko mu ndwi iheze, izo nyamiramabi zibiri zanse kurekura imbonerakure izwi kw’izina rya Yamani yaheruka gufatwa yishe umuntu ku musozi Muremera wo mu gisagara ca Ngozi. Itegeko ry’ukurekura iyo mbonerakure rikaba ryari ryatanzwe na Prosper Yamuremye, umushikirizamanza wa Republika I Ngozi.
Ndayishimiye ngo nta bwoba afise, Umukuru w’Igihugu yigereranya n’intare kugira ahumurize Abarundi. Yabivuze mu gihe hari ibihuha vyari bimaze imisi vy’uko ubutegetsi ubutegetsi bwiwe bushobora guhirikwa. Hari kuruyu w’Imana aho yari atashe avuye i New York mu nama igira iya 78 ya ONU. Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yemeza ko abakwiza ivyo bihuha ari abacafuje izina ry’Uburundi igihe bwari mu bihano. Agahamagarira Abarundi kudasubira guha agaciro mwenivyo bihuha.
Vitali Nshimirimana arongoye urunani FORSC ruhurikiyemwo amashirahamwe adaharanira inyungu za politike abonako umukuru w’igihugu Ndayishimiye atarakwiye kwagiriza umuntu numwe kuvyerekeye ivyo bihuha . Kubwiwe ivyo bihuha biba kumubabaro no mwizero muke abanyagihugu bafise kubera intwaro mbi y’umugambwe CNDD FDD.
Mugusozera Mumakuru y’inkino yaranze iyi ndwi twaraye turangije, ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu mpera z’iyi ndwi ryari rigeze ku ndwi igira 6, Vital’o ikaba n’ubu ikiri kw’isonga. Muri hand ball ku munsi wa gatandatu niho hasozerwa ihiganwa ryo mw’ishirahamwe ry’i Bujumbura, umurwi INTWARI wo mu Ngagara n’ubu ukaba ariwo wiharije urwo rukino. Turarabira hamwe n’ayavugwa muri taekwendo.