I. Umukenyezi w’imyaka 70 aba ku mutumba na zone Mugendo, komine ya Ntega, intara ya Kirundo, yaraye yishwe acumiswe imbugita mu mutwe no mu gikiriza. Amakuru atangwa na musitanteri wa komine Ntega, Jean Pierre Mbanzabugabo, amenyesha ko uwo mutamakazi abamwishe bamusanze mu nzu ya wenyene baca baramwica. Icatumye yicwa gushika ubu ntikiramenyekana, ariko abantu babiri b’ababanyi biwe bakaba babarondeye basanga bamaze kuva mu mihana iwabo, bagakeka ko boba harico bazi kuri ubwo bwicanyi. Musitanteri asaba gutekana no kudoma urutoke kuri uwo wese bibaza ko afise uruhara mw’igandagurwa ry’uwo mutamakazi.
II. Umuntu azwi kw’izina rya Nizigiyimana Isaac yarishwe acumiswe imbugita ku musi wa gatanu w’indwi iheze. Ivyo vyabereye ku musozi wa Bukeye, komine Nyanza Lac iri mu ntara ya Makamba. Uwakoze iryo bara ngo yoba ari umwe mu basirikare bacungera inyubakwa umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni ashikiramwo, iri mu ntara ya Rutana.
III. Hari umusore wo muri komine Mugamba mu ntara ya Bururi atabarizwa n’abegereye umuryango wiwe, bavuga ko batazi iyo yajanywe inyuma yo gufatwa n’igipolisi ku wa gatanu w’indwi iheze. Amakenga ni menshi ku mutekano wiwe, bagasaba inzego z’igipolisi kubabwira iyo bajanye uwabo.
IV. Boba bari he? Abo na bo n’abantu bane, umutama, abana biwe babiri n’umukozi wabo, banyurujwe igenekerezo rya 12 uku kwezi, isaha umunani z’ijoro ku mutumba Muhuzu wa zone Minago n’intara ya Rumonge. Ico kibazo n’ubu ababo nta nyishu barakironkera. Kuva banyuruzwa n’ubu ntawurasubira kubakubita ijisho. Ivyo bikaba bihagaritse umutima umuryango wabo.
V. Abarongoye igihugu bari bakwiye kuvavanura n’ubu bukozi bwikibi bariko bagirira abo barongoye. Bivugwa na Pacifique Nininahazwe arongoye FOCODE, biciye mu mugambi wayo Ndondeza. Akibutsa ko ababikora bazoteba babihanirwa.
VI. Abanyeshure babiri bakomeretse, ibisakazo vy’amashure birasambuka mu mvura yaguye mu gitondo co kuri uyu wa mbere mu gisagara ca Bujumbura. Amashure abiri yo muri zone Ngagara akaba ari yo yasinzikaye cane. Umuyobozi w’indero mu gisagara ca Bujumbura akaba yamenyesheje ko abanyeshure barenga amajana abiri aribo batagira aho bigira. Fidélité Nibigira arongoye ibiro vy’indero mu gisagara ca Bujumbura amenyeshako hari ingingo zamaze gufatwa kugira abanyeshure babandanye kwiga.
VII. Umwimbu w’ibigori leta yari yaraguriye abanyagihugu ugiye gusubizwa kw’isoko. Vyashikirijwe n’ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi mw’itangazo bwashize ahabona kuri uyu wa mbere. Emmanuel Ndorimana, umunyamabanga ntayegayezwa muri ubwo bushikiranganji, yavuze ko umudandaza azobigura azotanga ikori ringana n’ibice 10 ku kilo, akavuga kandi ko kw’isoko igiciro kitazorenza 1080 ku kiro.
VIII. Ikigo Maison Shalom cahimbaje kuri uno wa mbere igenekerezo rya 25 gitugutu umwaka wa 2021 imyaka 28 kimaze. Ivyo birori vyabereye aho ico kigo gikorera mu gihugu c’Urwanda. Marguerite Barankitse yashinze ico kigo, ahamagarira abarundi guhinduka bakibagira kahise, bakaba abantu b’ubuntu bushitse kugira batangure ubuzima bushasha.
IX. Abategetsi bo mu Rwanda n’abo mu Burundi barabandanya kubonanira ku mipaka ivyo bihugu bihana. Inyuma y’uwabereye ku mupaka wa Ruhwa mu ntara ya Cibitoke kw’igenekerezo rya 17 za kuno kwezi, kuri uyu wa mbere abarongoye intara za Kirundo na Muyinga bahuriye na bagenzi babo b’Urwanda barongoye intara zo mu bumanuko n’ubuseruko mu gihugu c’Urwanda. Iyo nama yabereye ku mupaka wa Nemba-Gasenyi ku ruhande rw’Uburundi, yari ifise intumbero ngo yo kunagura imigenderanire hagati y’ivyo bihugu, yari yaratosekaye kuva mu mwaka wa 2015. Ngo icizere ni cinshi ko abanyagihugu bo mur’izo ntara bagiye gusubira kugenderanira.
X. Umugwi wa New Star uzoserukira Uburundi mu nkino za Afrika z’imigwi yabaye iya mbere iwabo, kuri uno wa kabiri uzofata urugendo ugana muri Tanzaniya ahazobera izo nkino ku migwi yo mu karere ka Afrika y’ubuseruko, guhera igenekerezo rya 29 za kuno kwezi. Mu mupira w’amaguru naho inyuma yaho Bumamuru itsindiye Vital’o ibitsindo bine kuri kimwe, uwo mugwi wo mu Cibitoke waciye ugumana ikibanza ca mbere.