I. Ku w’Imana uheze, harafashwe impapuro mw’ibohero rya Gitega zandikishijwe iminwe, zigena ingene hotozwa intererano z’imihari irwanya ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza, bakoresheje ibirwanisho. Uwazifatanywe ni umunywanyi w’umugambwe CNL asanzwe apfungiwe muri iryo bohero. Amakuru ava mw’ibohero avuga ko uwo munyororo yari amaze imisi afitaniye imigenderanire idasanzwe na bamwe mu bakozi b’iperereza. Amakuru ava mw’ibohero yemeza ko ifatwa ry’izo mpapuro riri mu rukurikirane rw’irementanya rigamije gufuta umugambwe CNL wa Agathon Rwasa.
II. Uko umwaka utashe igenekerezo rya 25 Kigarama ; abakristu bo kw’isi yose bahimbaza ivuka rya Yezu Kiristu umukiza akaba na Jambo. Mu ntara ya Cibitoke, abanyagihugu bavuganye na Radio Inzamba bavuga ko bitaborohera guhimbaza uwo musi mukuru, kubera ubukene ntangere bwugarije imiryango yabo muri bino bihe.
III. Urunani CFOR rwiyemeje guharanira amasezerano ya Arusha, ruhamagarira abarundi bose gushira inguvu hamwe, kugira ngo igihugu kive mukaga kirimwo kuva mu mwaka wa 2015. Ivyo n’ibishikirizwa na Jérémie Minani, avugira urwo runani, ni mu gihe kuri uno munsi, urunani CFOR rwari ruramutse rwifuriza noheli nziza abarundi.
IV. Mu gihe kuri uwu wa gatatu ari umusi abari mu mashengero yemera Yezu Kristu bazindutse bahimbaza umusi mukuru w’ivuka rya Yezu Kistu, mu gisagara ca Kayanza ibiciro vy’ibidandazwa vyaraduze kw’isoko.
V. Iminsi mikuru iheraheza umwaka ishitse ibiciro vy’ ibifungurwa vyaraduze kurugero rudasanzwe mu ntara ya Muyinga. Abadandaza bakavuga ko vyavuye kw’ifaranga ry’uBurundi ryataye agaciro hamwe n’ibura ry’amafaranga y’agaciro.