I. Abakristu bo kw’isi yose bahimbaje kuri uyu wa gatanu umusi mukuru wa Noeli. Mu Burundi, uwo musi mukuru ushitse abanyagihugu bari mu bukene budasanzwe, ntaco bakironka bafungura canke bambare gishasha, nkuko vyahora mu myaka iheze.
II. Abamenyeshamakuru bane bakorera ikinyamakuru Iwacu Christine Kamikazi, Agnès Ndirubusa, Térence Mpozenzi na Harerimana Egide baridegemvya kuva kuri uno wa kane, inyuma y’iminsi amajana ane na mirongo itatu bari mw’ibohero rya Bubanza. Abo bamenyeshamakuru bagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu, bakaba barekuwe kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu.
III. Mu runani rw’abamenyeshamakuru mu Burundi UBJ barakenguruka irekurwa ry’abamenyeshamakuru bo muri Iwacu. Alexandre Niyungeko arongoye urwo runani avuga ko naho iyo ngingo ije itevye ari nziza, agasaba abarongoye igihugu kurekura n’izindi nzirakarengane ziri mu munyororo.
IV. Bamwe mu bakozi b’ibitaro Makamba baridoga ko ibitaro bitwawe nabi mu bijanye n’ubutunzi, muri iki gihe ngo vyose bikaba biri mu minwe y’umuyobozi w’ibitaro n’umuyobozi ajejwe intwaro n’ubutunzi. Bamwe mu bakora muri ivyo bitaro bakaba bemeza ko abo bategetsi 2 bimonogoza mu gutegura imigambi minini isaba gutanga isoko, ariko bikaguma mu minwe yabo. Iruhande y’ivyo, hakaba havugwa kandi aka mwana wa mama gatuma haba icuka kibi hagati mu bakozi.
V. Abasirikare b’Uburundi bagiye kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya baraye baronkejwe ibirarane vy’agahembo kabo ka AMISOM vy’amezi icenda. Bari bamaze umwaka wose bataronswa agahembo kabo. Ni umunezero ntangere kuri abo basirikare. Basaba ariko ababarongoye kuraba ingene bovugana n’ikigega co kuziganya no kuguranana ca gisirikare CECADM, ngo barabe ingene batoja barakatwa amafaranga y’uko batevye kuriha ingurane bahawe bagira bagende mu gihugu ca Somaliya, kandi uguteba kwishura bitabavuyeko.