Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 25/12/2021

Publié le 25 décembre 2021 par Rédaction
I. Kwitwararika abagowe, urukundo mu miryango, ni vyo umukiza wacu Yezu Kristu adutegeka. Muri kino gihe duhimbaza umusi mukuru wa Noheri, Musenyeri mukuru wa Diyosezi ya Bujumbura Gervais Banshimiyubusa asaba abategetsi gutunganiriza bose, agateka ka zina muntu kakubahirizwa kugira abana b’Uburundi biyumvemwo igihugu cabo.
II. Zimwe mu ngingo zo kwikingira ikiza ca Covid-19 zirubahirizwa mu masengero amwe amwe bagenzi bacu bashoboye kwibonera, kuri uno musi wa Noheri mu gisagara ca Bujumbura, ariko hakaba n’ahandi zitubahirizwa. Bamwe mu bitavye igisabisho c’uno musi bavuga ko bazubahiriza ku neza y’amagara yabo na rirya havugwa iyongerekana ry’uwo mugera mu gihugu.
III. Haravugwa ukunyinyurana hagati y’inzego z’iperereza rya gisirikare hamwe n’iperereza risanzwe mu gihugu. Uko kunyinyurana kwatumye hari bamwe mu basirikare bapfungwa. Muri abo harimwo icegera c’uwurongoye iperereza rya gisirikare n’abandi barwiriyemwo ibisongerezi. Ivyo biri mu matohoza yakozwe n’ishirahamwe FOCODE mu mugambi waryo Ndondeza. Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE avuga ko, mu vyoba vyarabaye imbarutso y’uko gufatwa kw’abo basirikare ari inyuruzwa ry’abantu batanu b’ahitwa ku Midodo, umutumba Muhuzu muri zone Minago komine n’intara ya Rumonge.
IV. Uyo arongoye umugambi Ndondeza arongera akavuga ko abarongoye iperereza mu gihugu, boba bafata ko iperereza rya gisirikare ryabatwaye akazi n’abakozi bita aba informateurs, ari bo ba mbangamatwi, n’izindi nyungu abagize izo nzego bapfa. Pacifique Nininahazwe.
V. Amajambo umukuru w’igihugu Evariste Nadayishimiye ashikiriza ntajana n’ibikorwa, n’amajambo yo kuryosharyosha abarundi n’amakungu. Bishikirizwa n’ishirahamwe RCP rihurikiyemwo abarundi baharanira kugendera ubuntu. Ni mu gihe umukuru w’igihugu abwiye kuri uyu wa gatanu abarongoye abandi mu nzego z’umutekano bariko baramwipfuriza umwaka mwiza, ko kugira umutekano utsimbatare mu gihugu, inzego  z’umutekano zitegerezwa kugira uruhara mu gukingira  agateka ka zina muntu. Kubwa Gervais Nibigira, icegera c’uwurongoye RCP, umukuru w’igihugu yategerezwa kubona ubwicanyi n’ayandi mabi bikorerwa abarundi, akabitorera umuti, ababikora bagashengezwa.
VI. Umugwi CVR uheruka kuvuga ko ubwicanyi bwabaye mu Burundi mu 1972 ari ihonyabwoko ryakorewe abahutu. Ariko amasezerano ya Arusha ashinga ishirwaho ry’uwo mugwi ntawuha ubwo bubasha. Mu kiganiro Kw’īsôko c’uno musi, tuvugana n’abagiye mu biganiro vy’i Arusha.

Ibindi bisa n'ibi