I. Amakenga ni menshi mu bakozi bakorera ihinguriro ry’ibinyobwa mu Burundi Brarudi. Imvo akaba ari umugambi w’iryo hinguriro wo guhagarika mu kazi abakozi barenga 70 ugomba gushirwa mu ngiro. Umuyobozi mukuru w’ihinguriro akaba yasiguye ko ari kumvo z’ubutunzi buke. Ariko muri sendika y’abakozi b’ihinguriro Brarudi, bakaba biyamiriza uyo mugambi bavuga ko iyo mvo atari yo na gato.
II. Umunyororo Egide Sindayigaya yaraye asandabiye aho yari apfungiwe mu gasho k’igipolisi mu Rumonge inyuma y’imisi cumi ari mu minwe y’inzego z’umutekano. Uwo mutama arenza imyaka 60 akaba ari mukuru w’uwitwa Déo Niyongabo benshi bazi kw’izina rya Come, yaheruka kugandagurwa n’igipolisi muri komine Burambi y’intara ya Rumonge. Bivugwa ko uwo mutama yoba yahitanywe no kuborezwa igufa vyabereye mu busho butandukanye bw’igipolisi kuva afatwa. Inyamiramabi mu Rumonge zimaze kubona uko amagara yiwe yifashe, zari zasavye ko yojanwa kwa muganga ariko bikaba bitaciye bikorwa.
III. Carina Tertsakian umushakashatsi mu bijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi, avuga ko itorwa rya Reveriyano Ndikuriyo ku burongonzi bw’umugambwe uri ku butegetsi ridatahuritse, mu gihe ari umuntu yaranzwe n’imvugo icanishamwo mu kutihanganira abo batavuga rumwe. Uwo mushakashatsi akavuga kandi ko kubona inzego zikomakomeye z’igihugu zirongorwa n’abantu batagifitiwe icizere bizozingamika igihugu.
IV. Ifungwa ry’umupfasoni asigwa na Thierry Kubwimana riteza urubwa igihugu cose c’Uburundi, ivyo yagirizwa ko yoba afise uruhara mw’igandagurwa ry’umugabo wiwe ngo ntaho bifatiye. Bivugwa na Charles Nditije arongoye umugambwe UPRONA utavuga rumwe n’ubutegetsi, akabona ko iryo fungwa ry’uyo mukenyezi ryerekana ko ubwo bwicanyi bushobora kuba burimwo bamwe mu bategetsi. Akaba abivuze mu gihe uyo mukenyezi amaze indwi afungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba.
V. Umunyeshure wo kw’iseminari ntoya ya Muyinga azwi kw’izina rya Guy Wesley Mugisha yarirukanywe burundu kuri iryo shure, biturutse yuko yafatanywe ibintazi mw’ivalise yiwe aho abanyeshure basanzwe barara. Iyo ngingo ikaba yafashwe n’abarongoye iryo shure, inyuma y’amatohoza babanje gukora kuri uyo munyeshure.
VI. Hari umutama w’imyaka yababa hafi 60 azwi kw’izina rya Sibomana wo ku musozi Bihunge, komine Matongo n’intara ya Kayanza, amaze imisi itatu aturatura. Ivyo bikaba vyatanguye kuri uyu w’Imana inyuma y’ifubwa ry’umukenyezi wiwe Suzana w’imyaka 56, aho abahungu biwe bane baca batangura guhiga kwihora, bakagiriza se ko ari we yishe nyina wabo. Kuva ubwo, uwo mutama yaciye ayanyaga, ubu akaba yatse indaro ku kirindiro c’igisoda kiri ku musozi Ruganza, wo muri iyo komine nyene ya Matongo. Agasaba abajejwe intwaro gukora ibishoboka vyose agasubira mu rugo rwiwe, kandi umutekano wiwe ugakingirwa.