Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 26/01/2022

Publié le 26 janvier 2022 par Rédaction
I. Umuntu umwe yaraye akomeretse arashwe n’abantu bataramenyekana mw’ijoro ry’uwu wa kabiri rishira uwa gatatu. Ivyo vyabereye ku mutumba Saswe, ni muri komine Kayokwe, intara ya Mwaro. Amakuru ava aho kuri uwo mutumba akaba avuga ko uwo yakomerekejwe ari umwe mu mbonerakure z’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.
II. Igikorwa co gukora rusansuma yerekeye ubwoko mu bakozi bakorera leta n’amashirahamwe yigenga mpuzamakungu kigiye gutangura. Ivyo biri mw’ikete ry’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, bwandikiye indongozi zo mu gihugu riherekejwe n’ifishe yo gushiramwo umwidondoro w’abakozi bose bakorera leta, hamwe n’abakozi b’amashirahamwe yigenga.
III. Ivyo ukunganisha amoko mu nzego bitegerezwa kwisunga amasezerano ya Arusha yabishinze, kugira hakosorwe akarenganyo kari hagati y’imigwi igize abarundi. Iyo n’insiguro itangwa na Frédéric Bamvuginyumvira yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu, akaba ari mu bashize igikumu kuri ayo masezerano. Frédéric Bamvuginyumvira avuga ko leta iriko ikora amakosa mu gushira muri ico gikorwa ibibanza bisaba ubuhinga n’ubumenyi, atari ivya poritike.
IV. Mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike bahurikiye mu runani FORSC ngo urunsansuma nk’urwo rutandukanye n’amategeko, kandi ico umugambwe CNDD-FDD ubishakira ntikigaragara. Umushingwamanza Vital Nshimirimana aserukira FORSC abona nyabuna ko bene urwo rusansuma rugamije ikumirwa ry’abantu no gucanishamwo abanyagihugu. Vital Nshimirimana agahamagarira abanyagihugu  kwiyamiriza iyo ngingo iteye kubiri n’amategeko.
V. Hagiye gushirwaho ikarata iranga abarundi baba mu mahanga. Biri mu rwandiko bamwe muri abo barundi bariko barakorana n’ubutegetsi rwatanzwe mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, kugira ngo rwemezwe. Iyo karata yiswe « Ndangadiaspora » ngo izoba ifise akamaro kuko ari yo izotuma abarundi baba hanze baronswa impapuro bazoba bakeneye mu Burundi no mu buserukizi bwabwo mu mahanga. Igiciro cayo, ni ama dolari y’amanyamerika 50 azoza aratangwa buri mwaka.
VI. Kuri iyo karata nyene, abarundi baba muri Canada ntibatahura ico karangamuntu y’umurundi aba hanze ije gukora. Appolonie Simbizi, umunyamabanga nshingwabikorwa mw’ishirahamwe rihurikiyemwo abarundi baba muri Canada « ABC Canada », avuga ko iyo karata karangamuntu ari amayeri y’umugambwe uri ku butegetsi yo gushaka kugira amashami y’umugambwe CNDD-FDD mu barundi baba hanze, babanje kubacamwo ibice. Ivyo biteye kubiri kandi n’amategeko n’ukwishira n’ukwizana kwa kiremwa muntu.
VII. Ivyaraye bishikirijwe n’umushikiranganji w’ikigega ca leta ko ubutunzi bw’igihugu bwifashe neza, ngo ni imvugo ya politike ataco ihuriyeko n’ukuri ku kugene ibintu biba vyifashe mu gihugu. Ivyo bishikirizwa n’umuhinga mu vy’ubutunzi Faustin Ndikumana. Ku bwiwe, leta yari ikwiye nyabuna kurondera amafranga kugira ngo iteze imbere igihugu, n’ibice birenga 50 kw’ijana vy’abarundi babayeho mu bukene budasanzwe, nk’uko biri mu cegeranyo c’ikigo ISTEEBU, nabo babone gutora akoyokwe.
VIII. Ibiciro vy’ibifungurwa vya nkenerwa vyaraduze cane mu ntara ya Rumonge. Abasumyi bakaba bidoga bavuga ko barengerwa cane, na rirya bari mu bukene budasanzwe. Iryo duzwa ry’ibiciro ryunyuwe n’uko ata bifungurwa vyemerewe kuvanwa mu bihugu bibanyi bica ku kivuko ca Rumonge. Abanyagihugu  basaba ko leta yikubita agashi ikugurura amayira, ibifungurwa bigashobora kwinjira neza.

Ibindi bisa n'ibi