Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 26/01/2023

Publié le 26 janvier 2023 par Rédaction
I. Abagabo batatu bapfungiwe mu busho butandukanye bw’intara ya Makamba, mu kiringo kitarenza indwi, bagirizwa gushurashuza abana b’abigeme. Muri abo, harimwo umuyobozi w’ishure shingiro rya Kigongo muri komine Kibago, yagirizwa kuba yashurashuje abanyeshure batatu  abatwaza inda, biga mu mwaka wa gatanu n’uwa gatandatu kuri iryo shure.
II. Abasemerera kugira umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye arekurwe babandanya bibonekeza. Akarorero n’umuhari uharanira impinduka muri Afrika Tournons La Page. Inyuma y’inama y’abawuhurikiyemwo yamaze imisi ine ikaba yasozerewe uno musi i Cotonou muri Bénin, uwo muhari wasohoye urwandiko rutera akamo ko abapfunzwe bose ku mugabane w’Afrika bazira kurwanira agateka ka zina muntu na demokrasi borekurwa.
III. Abasirikare bashika kuri 30 bakurikiranwa ku busuma bwabereye mu kigo kijejwe guharura imishahara n’ubutunzi bwa gisirikare DCT, baraye barungitswe mw’ibohero rya Rumonge. Abo basirikare bakaba bari bamaze amezi arenga atatu bapfungiwe mu gasho k’ikambi ya Police militaire i Bujumbura.
IV. Mu makuru yo kuri uyu wa gatatu, twababwiye ko Colonel Jeconias Nihorimbere arongoye akarere ka mbere ya gisirikare, ariko sivyo, ahubwo arongoye imwe mu ma brigade y’akarere ka mbere ka gisirikare, Brigade ya 110. Abasirikare bayirimwo bakaba bakorera mu ntara za Cibitoke na Bubanza.
V. Imyidogo ni yose mu miryango ishika 81 yo muri zone Kanyosha, komine ya Muha y’igisagara ca Bujumbura. Iyo miryango yidoga ivuga ko yanyazwe amatongo yayo yo muri site Nyabaranda, bakagiriza akagwi k’abantu 3 gafise ishirahamwe rivuga ko ari ryo nyene ayo matongo. Abo banyagihugu basaba umukuru w’igihugu kubafasha bagasubizwa amatongo yabo.
VI. Imyaka cumi izoba irumanye kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 27 nzero 2023 ata butungane buraba ku baburiye ivyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura. Bishikirizwa n’ishirahamwe OLUCOME rirwanya abarya ibiturire n’abasesagura amatungo ya Leta. Gabriel Rufyiri, arongoye OLUCOME, akabona ko hakwiye kujaho umugwi wotunganiriza abanyagihugu isinzi, ivyo vyago vyashize mu kangaratete.
VII. Gabriel Rufyiri akabona ko Leta yarikwiye gushiraho umugwi wigenga kugira ngo wige ingene ico kibazo c’iturirwa ry’isoko nkuru ya Bujumbura cotorerwa umuti.

Ibindi bisa n'ibi