-
Ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire no kunyuruza amatungo ya Leta OLUCOME, ngo riracanyotewe kumenya igituma ata matohoza yakozwe kugira ngo hamenyekane icatumye amasoko atandukanye aturirwa, abagirizwa nabo bagashengezwa imbere y’ubutungane. Jean Nduwimana avugira OLUCOME, abivuga mu gihe ejo ku wa gatandatu igenekerezo rya 27 nzero, imyaka 11 izoba irumanye isoko nkuru ya Bujumbura ihiye. Kubw’iwe, mu gihe ubucamanza ataco burabivugako, abanyagihugu bazota icizere kur’ubwo bucamanza no kuri Leta, umvirize Jean Nduwimana
-
Leta y’Uburundi ngo yabwirizwa gukoresha ubuhinga bwa none mu gisata c’amaduwane kugirango gishobore gutunganiriza neza abacituye , n’ikigega ca leta gishobore kubomboka. Ako kamo gategwa n’ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira abantu guhindura ingendo kugirango bashike kw’iterambere rirama, ni mu gihe kuri uno wa 26 Nzero hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe AMADUWANE. Kugirango igisata c’amaduwane gishobore gushika kw’ihangiro ryaco , ishirahamwe PARCEM ibonako leta yoshira inguvu nyinshi mu kugwanya igiturire.
-
Intara y’indero ya Ngozi ifise ikibanza c’icenda n’amanota 24,7 kw’ijana muri ca kibazo ca leta giha uburenganzira abahejeje amashure yisumbuye kwinjira muri za kaminuza, cakozwe mu mwaka w’ishure uheze w ‘2022 ushira uw’2023. Mu mashure 73 yo muri iyo ntara y’indero yakoze ico kibazo, ayashika 24 akaba yaronse amanota ubusa kw’ijana mu gihe ariko hariho ayashoboye kuronka amanuta 100 kw’ijana.
-
Uruhombo runini ruramaze kwibonekeza haba kubanyagihugu canke kuri reta nyene, inyuma yaho leta ya Gitega yugariye imbibe zo hasi u Burundi buhana n’u Rwanda. Abanyagihugu cane cane ababa kumbibe, bavuga ko bakeneshejwe cane n’ihanahana ry’ibidandazwa ryaciye rihagarara, na leta nyene ikahahombera amatagisi yahora itoza kubidandazwa. Ino nkuru ikaba yakozwe biciye mu kiganiro ‘’Karahara mu ruganda ntibacura’’ gitegurwa n’urunani rw’ibimenyeshamakuru radio Inzamba Agateka kawe, RPA ijwi ry’abanyagihugu hamwe na Télévision Renaissance.
-
Ingingo rero yo kwugara imipaka uburundi buhana n,igihugu kibanyi c’urwanda n’ inyundo bakubise kumitwe y’abarundi. Ivyo bishikirizwa na Andre Nikwigize umuhinga muvy’ubutunzi murunani Map Burundi, abarundi bahora bashora ibidandazwa vyabo mugihugu c,urwanda co kimwe n,abanyarwanda bahora bazana ibidandazwa muburundi ngo barahahombeye cane. hatibagiwe n,abarwizatunga babanyarwanda bari bazanye imitahe yabo. Kubwiwe Ubutunzi ngo bwari butanguye kwisununura naho bitari bishemeye cane.
-
Andre Nikwigize abona ko inkwirikizi muvyubutunzi ari nyinshi cane kuko abarundi nigihugu bizohahombera cane ubutunzi bwari busanzwe bugoyagoya bugasubira inyuma kuruta. Nubu nyene tumukurikire.