I. Umusore azwi kw’izina rya Ishimwe Yvan Ascension ntawuzi irengero ryiwe kuva ku mugoroba wo ku munsi wa kane. Ishimwe Yvan Ascension asanzwe yiga muri kaminuza “Université des grands lacs UGL’’, yahagaritswe n’igipolisi co muri komine Gahombo mu ntara ya Kayanza. Igipolisi kikaba cari giherekejwe na bamwe mu bahanuzi ba musitanteri, nkuko vyemezwa n’ababibonye. Ishimwe Yvan Ascension yahagaritswe mu gihe yari kw’isoko rya Rukago muri iyo komine nyene. Akaba yahavuye yurizwa imodoka yo mw’iperereza nk’uko bibandanya bivugwa n’abanyagihugu baho. Umuryango wiwe ukaba utekewe n’ubwoba kuko wamurondeye mu mabohero yose ari aho mu ntara ya Kayanza, baramubura. Kuri ayo makenga y’umuryango, uruganda rwa radiyo Inzamba agateka kawe ntiruraronka kuri telefone abarongoye igipolisi mu ntara ya Kayanza.
II. Abarongoye Uburundi nibabe bareka kwiriza ngo amashirahamwe ya Leta abandanya ahomba, bamaze imyaka 16 aribo bayahomvya.Bishikirizwa n’umuhari MAP-Burundi Buhire, inyuma yaho uwurongoye umugambwe CNDD-FDD Révérien Ndikuriyo abajije ingene ihinguriro SOSUMO ribandanya rihomba. Hari kuri uyu wa kane mu gisabisho catunganijwe n’umugambwe CNDD-FDD. Kubwa Libérat Ntibashirakandi, umuvugizi w’uyo muhari, abategetsi b’igihugu nibo bigaruriye ishirahamwe SOSUMO mu kudandaza isukari, nta buryo bigeze baha iryo shirahamwe kugira rinagurwe.
III. Ingingo yafashwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yo kubuza amapikipiki, amakinga na za Bajaj, iza ihungabanya agateka ka zina muntu. Bivugwa na Anschaire Nikoyagize arongoye umuhari Iteka. Amenyesha ko ubutunzi bw’imiryango buzohungabana, abari biyungunganije n’abari bafise akazi bakaba ba ntaho nikora kandi bitumwe n’abari bajejwe guteza imbere abanyagihugu.
IV. Impande zose z’ubushikiranganji bw’ubutungane bw’Urwanda n’Uburundi zirahuriza ko imibonano yaraye ihuje I Kigali mu Rwanda, intumwa z’ivyo bihugu yavyaye icizere co gutora umuti w’ikibazo cerekeye abantu bagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu Burundi bahungiye mu gihugu c’Urwanda. Mu kiganiro cahuje ubwo bushikiranganji bubiri kuri uno wa gatanu, bemeranije ko bagiye kubandanya baganira kuri ico kibazo.
V. Ikibazo c’ifumbire ya FOMI yabuze mu gihugu ni co dushimikirako mu kiganiro « Kw’īsôko » c’uno musi.