Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 26/03/2022

Publié le 26 mars 2022 par Rédaction
I. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ari mu rugendo i Vatikano kwa Papa. Ukurondera abafasha gutatura amatati mu gihugu, coba ari kimwe mu vyamujanye. Iyo nsiguro itangwa n’umuhinga mu vya politike, Gérard Birantamije. Akaba agereranya ugusenga kw’intwaro ya Evariste Ndayishimiye n’ugusenga kw’intwaro y’umuhisi Petero Nkurunziza mu nsiguro atanga.
II. Ibiti vy’imikaratusi vyari bikwiye gukoreshwa mu kugabanya ubukene bw’intebe bwibonekeza mu mashure. Ivyo bivugwa n’urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike FORSC.  Rufatira ku karorero  k’abana bo mu mwaka wa kabiri wo kw’ishure ry’intango rya ECOFO Kabogi, muri komine Ndava, mu ntara ya Mwaro, biga bicaye hasi. Abategetsi batandukanye b’igihugu na bo bakaba bamaze imisi bategeka  abanyagihugu kurandura ibiti vy’imikaratusi, bakabisubiriza n’ibindi biterwa. Ernest Nkurunziza, ni umunyamabanga nshingwabikorwa muri FORSC.
III. Ingabire y’igitoro Uburundi buherutse guhabwa n’igihugu c’Ubuyapani, yari ikwiye kuja mu kigega c’intega bizoza. Ivyo bivugwa na Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME ryishinze kugwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta. Akaba abivuze inyuma yaho Albert Shingiro arongoye ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, amenyeshereje ko iyo ngabire y’igitoro izoca igurishwa, amafaranga avuyemwo akazoca akoreshwa mu yindi migambi y’iterambere. Gabriel Rufyiri wewe abona ko cofasha cane mu gutorera inyishu ikibazo c’ubukene bw’igitoro cama cibonekeza mu gihugu. Tubibutse ko iyo ngabire y’igitoro  ingana  n’amafaranga imiliyoni 3 n’ibihumbi amajana 4, y’amadolari.
IV. Uno musi, ikiganiro « Kw’Isôko » gishimikira kw’ishingwa ry’ibiciro vya leta ku vyimburwa bimwe bimwe.

Ibindi bisa n'ibi