Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 26/04/2022

Publié le 26 avril 2022 par Rédaction
I. Imyaka indwi irarumanye hatanguye imyiyerekano yari igamije kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’uwahoze arongoye Uburundi, Petero Nkurunziza, hari ku wa 26 Ndamukiza mu mwaka wa 2015. Ico gihe ni ho amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike yahamagarira abarundi kuja mu mabarabara kugira ngo biyamirize ico kiringo, cari gihushanye n’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi be n’amasezerano ya Arusha. Ako kamo karitabwe n’abatari bake, na cane cane mu gisagara ca Bujumbura. Igipolisi n’izindi nzego z’umutekano zaciye zirara mu bantu zirasa bamwe mu rwaruka rwari rwitavye iyo myiyerekano mu ma karitiye yo mu gisagara.
II. Inyuma y’imyaka indwi imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza itanguye, amabi y’agahomerabunwa n’ubu aracabandanya. Ivyo binegurwa na Vital Nshimirimana, arongoye urunani rw’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu FORSC. Ayo mashirahamwe yari mu batanguje iyo myiyerekano. Abanywanyi batari bake b’ayo mashirahamwe bakaba barangajwe, abandi bakorerwa amabi atandukanye. Vital Nshimirimana agahanura inzego z’igihugu, ahereye ku mukuru w’igihugu, kwikubita agashi bagakora ku neza y’abanyagihugu bose.
III. Inyuma y’imyaka itanu atawuzi irengero ryiwe, n’ubu ubutungane nta muco buratanga kuhazimanganiye umushingamateka Oscar Ntasano, akaba n’umugwizatunga yavuka mu ntara ya Makamba. Abari bafashwe mu matohoza nta misi bamaze mu gasho, kuko bari abakozi b’iperereza. Biri mu rwandiko rwashizwe ahabona n’isekeza Ndondeza ry’ishirahamwe FOCODE. Muri iryo shirahamwe basaba ko ababuzwe irengero bose, harimwo n’umushingamateka Oscar Ntasano, baronswa ubutungane.
IV. Abantu batanu barakomeretse kuri uyu wa mbere mu mishamirano yadutse hagati y’abanywanyi b’imigambwe CNDD-FDD na CNL muri komine Kiremba mu gacimbiri Mushora. Umukuru w’umugambwe CNL muri komine Kiremba, Sébastien Kavakure, aremeza ayo makuru, agasaba abanywanyi b’iyo migambwe kwihanganirana mu vyiyumviro vyabo, bakareka gusotorana n’ukwihanira. Pascal Sebigo, musitanteri w’iyo komine,  akaba kuri uwu wa kabiri yagirishije inama kuri uwo mutumba kugira ahumurize, aho yahamagariye abadasangiye imigambwe kubana mu mahoro. Abo bakomeretse bariko bavurizwa ku bitaro bikuru vy’i Ngozi, abanywanyi hafi 6 b’umugambwe CNL bakaba bari mu minwe y’igipolisi.
V. Umupolisi yakomeretse kuri uyu w’Imana aturiwe n’umucanwa wadutse, uturutse ku gitoro cari kibitswe mu nzu ibamwo abapolisi bari ku kirindiro co kuri zone Gitaba ya komine Makamba.  Nk’uko amakuru dukura mu gipolisi abivuga, ico gitoro cahatswe kwiha inkumbi cari cafashwe n’abapolisi bo ku kirindiro co ngaho nyene kuri zone Gitaba.  Ayo makuru nyene akavuga ko ico gitoro cari mu ma bidon 2 cari cafashwe mw’ijoro ryo ku musi wa gatandatu, kiriko kijanwa mu ntara ya Bururi inyuma yo kukibika mu nzu babamwo, ifatanye n’ibiro vya zone Gitaba.  Uwo muriro rero ngo ukaba wahavuye waduka ku w’ Imana kubera imbabura bariko bakinjikako, maze umupolisi yararyamye araheza arasha, hamwe na bimwe mu bikoresho vy’abapolisi bigizwe n’impuzu. Uwo mupolisi yakomeretse akaba yaciye atwarwa ku bitaro bikuru vya Makamba.  Abapolisi bakaba bamaze imisi basaka igitoro ca magendo kidandazwa bidaciye mu mategeko, kuva aho gitanguriye gukena mu Burundi.
VI. Umunyororo wo gupfungwa ubuzima bwose, ihadabu ry’imiliyoni cumi, n’ukwakwa uburenganzira burekuriwe umunyagihugu, ico nico gihano sentare nkuru y’i Ngozi yaciye mu rubanza rw’ikibiriraho rwo ku runo wa mbere yahanishije uwitwa Eliya Irakoze,  umusore w’imyaka 25 wo ku mutumba Kinyami mu gisagara ca Ngozi. Yagirizwa kuba yarishe umwana w’umwigeme w’imyaka cumi n’itandatu, inyuma yo kuba yamuteye inda.
VII. Amadosiye 750 y’abakozi ba leta yarahagaritswe kubera ko beneyo basanze batari ku kazi muri aya mezi atatu aheze. Bishikirizwa n’umushikiranganji w’abakozi n’akazi mu gihe yariko arashikiriza ivyaranguwe n’ubwo bushikiranganji, mu gice ca gatatu c’umwaka. Thaddée Ndikumana amenyesha ko ubwo bushikiranganji bugiye gushira mu buhinga bwa none amadosiye yose y’abakozi ba leta.
VIII. Amategeko akingira itunga n’ubuhinga mvabwenge ategerezwa gukurikizwa kugira abahinga babeshweho n’imyuga yabo. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji ajejwe imico kama kuri uyu musi mpuzamakungu wahariwe itunga mvabwenge (propriété intellectuelle mu gifaransa). Ezéchiel Nibigira akaba asaba abantu bose bakoresha ubuhinga bw’abandi nk’amaradiyo, amazu y’uburaro n’ingenzi n’abandi, kubahiriza amategeko.

Ibindi bisa n'ibi