I. Ijambo Général Evariste NDAYISHIMIYE yashikirije abanyagihugu bahejeje kumenyesha ko ariwe yatsinze amatora, ngo impunzi ko zotaha, kubwa Karori NDITIJE arongoye umugambwe UPRONA utemewe na leta y’i Gitega, ngo n’ijambo ridahumuriza na gato abahunze, kuko ibwirizwa nshingiro rishasha ritisunga amasezerano y’i Arusha.
II. Ijambo Évariste Ndayishimiye yashikirije ahejeje gutsinda amatora aho avuga ko azotahukana impunzi, bamwe mur’izo mpunzi babona ko bidashoboka hakivurwa ubwicanyi bufatiye ku mvo za politike. Ariko abandi nabo bakavuga ko bishobotse, yokwitwa Sebarundi, mu gihe yohana abakora amabi akorwa.
III. Inyuma y’itangwa n’umugwi CENI ry’ibitigiri mfatakibanza vy’ivyavuye mu matora yo kuwa 20 Rusama, urunani Kira Burundi rumenyesha ko rwafashe nkama ivyavuye mu matora. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uyu wa kabiri, Aloys Baricako arongoye urwo runani, asaba abagiye kurongora Uburundi kubandanya batsimbataza icuka ciza c’amahoro, kurekura abazira ivya politike hamwe no gutahukana impuzi.
IV. Ibiharuro mfatakibanza ku vyerekeye amatora aherutse kuba, amatora yerekanyeko uwaserukiye umugambwe CNDD-FDD Evariste Ndayishimiye ariwe yayatsinze. Ngo ni ibiharuro ataho bifatiye, nk’ukwo bivugwa n’umuhari MAP–Burundi Buhire. Ayo matora ngo ntiyabaye mu mutekano na gato, kandi ngo yiharijwe n’umugambwe uri ku butegetsi.
V. Hari ihagarikwa rikorwa agasakisaki ry’abanywanyi b’umugambwe CNL mu ntara ya Kayanza. Iryo hagarikwa rikorwa mu bice nka vyose vy’iyo ntara. Bamwe ntawuzi aho bapfungiwe, abandi barasinzikarijwe ubuzima. Iryo hagarikwa rikaba rikorwa n’abo mu gipolisi, imbonerakure na bamwe mu bakozi b’iperereza.
VI. Hari ikiziga c’umuntu catowe mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri, muri komine Bugarama, intara ya Rumonge. Mu gihe uwo muntu atamenyekanye, abanyagihugu baranegura ukuntu yihutiye guhambwa.