I. Leta y’Uburundi ibicishije ku muvugizi wayo Prosper Ntahorwamiye, yaraye imenyesheje ko ifata ubwicanyi bwabaye mu mwaka wa 1972 nk’ihonyabwoko ryakorewe abahutu. Kubw’umushingwamanza Isidore Rufyikiri arongoye umuhari Morena ngo ivyo leta ya CNDD-FDD iriko irakora ni ukugomba kwikundwakaza ku barundi bo mu bwoko bw’abahutu. Amenyesha ariko ko hari hakwiye nyabuna umugwi w’amatohoza wa ONU, ugakurikirwa na sentare mpuzamakungu yoza ica urutumbereye kuko ataho yoba yegamiye.
II. Igituma Germain Rukuki atarasohoka ibohero ngo ni ingaruka z’ukutumvikana kuri mu butegetsi bwa leta ya Evariste Ndayishimiye, badahuriza ku ntumbero imwe yotuma hakurwa vya bihano bafatirwa n’umuryango w’ibihugu vya Bulaya. Uko niko bisigurwa na Emmanuel Ndereyimana avugira urunani CFOR Arusha rutavuga rumwe na leta, anegura ko umuyobozi ajejwe amabohero mu gihugu ariko aba igikoresho c’abo yita ko bariko barapfindanira kw’irekurwa ry’uwo aharanira agateka ka muntu yabwirizwa kuba yararekuwe inyuma y’ingingo iherutse gufatwa na Sentare.
III. Sentare nkuru y’intara ya Makamba yaraye iciriye umupolisi gupfungwa imyaka 10. N’inyuma yaho hari umunyororo yarapfunzwe amutorokanye. Uwo yamutorokanye akaba ari uwahoze mu gisirikare ca kera yagirizwa kuba mu bateye grenade uwurongoye zone Mpinga yo muri komine Vugizo mu ntara ya Makamba.
IV. Igenekerezo rya 26 Ruheshi uko umwaka utashe, isi yose irahimbaza umusi wahariwe gushigikira abahuye n’icaha cihohotera rya kiremwa muntu, torture mu gifaransa. Ishirahamwe ACAT Burundi ryishinze kugwanya ico caha rimenyeshako abatavuga rumwe na leta, cane cane abanyororo bagisinzikarizwa ubuzima kuva umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ashikiriye ubutegetsi. Me Jean Claude Ntiburumusi ajejwe igisata c’ubutungane mw’ishirahamwe ACAT Burundi.
V. Kuri uno wa gatandatu niho igice c’umunani gishira ica nyuma mu nkino za Euro gitangura isaha cumi na zibiri. Izo nkino ziza kwugururwa na Danemark ikina na Pays de Galles. Isaha zitatu hakurikira urukino ruza guhuza Ubutariyano na Autriche. Kiretse Ubutariyano buhabwa amahirwe muri urwo rukino hagati ya Danemark na Pays de Galles, biragoye kumenya uwuhava atahukana intsinzi ku migwi ata kinini yerekanye mu nkino zo mu matsinda.