Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 26/07/2021

Publié le 26 juillet 2021 par Rédaction
I. I bataillon y’indwi (7) ya MINUSCA mu gisirikare c’Uburundi ntikigiye kuri uno wa gatatu mu gihugu ca Centrafrika, nkuko vyari vyitezwe. Intandaro n’uko ibiro bikuru vya gisirikare bitatanze umwirondoro ariyo CV y’abasirikare, nk’uko bisabwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku biteguye kuja kugarukana amahoro muri ico gihugu. Muri bo, harimwo aboba bagirizwa amabi akorerwa kiremwa muntu uhereye kuri Lt Colonel Ildefonse Baranyikwa arongoye abo basirikare.
II. Abantu batanu bo muri komine Mugamba nibo bafashwe kuva ku mutaga wo ku wa gatandatu uheze. Abegereye imiryango yabo bafise amakenga menshi ku mutekano w’ababo kuko batigeze bamenyeshwa iyo bajanywe gupfungirwa. Abafashwe imbere yabo bivugwa ko boba baraborejwe igufa bidasanzwe, aho bapfungiwe mu gasho k’iperereza.
III. Hari umunywanyi w’umugambwe CNL yafashwe ku musi wa kane muri komine Rutana, aca arara asohowe ibohero ry’igipolisi muri komine ya Rutana ku musi wa kane nyene. Nk’uko bishikirizwa n’umuryango wiwe, ngo uwabo bisa n’uko yanyurujwe kubera atawuramenya iyo yajanywe. Komiseri ajejwe iperereza mu karere k’ubumanuko akaba ariwe yamusohoye aho yari afungiwe.
IV. Hari ingoro y’umugambwe CNL yo ku mutumba Buringa, komine Muhuta, mu ntara ya Rumonge yaraye  ibomowe kuri uyu w’Imana. Iyo ngoro ikaba ibomowe ubugira kane muri iyo komine kuva umugambwe CNL wemererwa gukora ku mugaragaro. Abanywanyi b’umugambwe CNL bakagiriza urwaruka rw’imbonerakure, bagasaba buramatari w’intara ya Rumonge kugira ico akoze kugira ngo uwo mugambwe ukore nk’iyindi.
V. Ibitigiri vy’abanyagihugu bandura ikiza ca coronavirus bibandanya kwiyongera muri rusangi, na cane cane mu ntara zo mu buraruko bw’Uburundi. Ivyo bikaba biteye ubwoba abanyagihugu babona ko abajejwe intwaro ata co bariko barakora mu guhimiriza abantu kugira bakurikize impanuro zo kwa muganga. Bagaterwa ubwoba n’uko mu bibanza bihuriramwo abantu benshi nk’amasoko n’ibirabo, abantu bifata nk’uko bisanzwe.
VI. Impunzi z’abarundi ziba mw’ikambi ya Mutendeli kuri uyu wa mbere niho zatangura kwimurirwa mw’ikambi ya Nduta mu gihugu ca Tanzania nyene. Impunzi ziri hagati y’amajana atatu (300) n’amajana ane  (400) akaba ari zo zashoboye kujanwa kuri uyu munsi wa mbere ariko zikaba zitashimye ko zajanywe zititunganije kuko zajanywe zitimbuye ivyo zarimye.
VII. Imigwi ya Muzinga na les AS (LEZAS) mu bigeme ni yo izokina urukino rwa nyuma rw’igikombe c’umukuru w’igihugu. Mu mupira w’amaguru naho umugwi nserukira gihugu w’abadashikana imyaka 23 kuri uno wa kabiri uzokina na Kenya, mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mw’ihiganwa rya CECAFA.

Ibindi bisa n'ibi