I. Umutama w’imyaka 60 yari azwi kw’izina rya Augustin Nyandwi wo ku mutumba Gatozo, komine Muhanga, mu ntara ya Kayanza, yoba yaraye yiyatse ubuzima kuri uwu wa mbere yiyahuje umugozi. Abamubonye basanze yenena ku giti kiri hafi yo ku muhana iwe. Umugore wiwe akaba yavuze ko nyakwigendera yagendana indwara yo mu mutwe. Abajejwe intwaro muri iyo komine bakavuga ko bibabaje kubona abo barongoye biyaka ubuzima. Bagasaba imiryango y’abantu bagendana indwara bene izo, kubama hafi.
II. Imyiteguro y’abasirikare b’abarundi bazoja mu bikorwa vyo kugarukana amahoro n’umutekano mu buseruko bwa Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, ngo bigeze ku bice 90%. Vyamenyeshejwe kuri uyu wa kabiri n’umushikiranganji wo kwivuna abansi no gukurikirana abahoze ku rugamba, hari mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ku vyaranguwe mu gice kigira kane c’umwaka giheraheza ikoreshwa ry’amafranga ya leta yo mu mwaka wa 2021 ushira uwa 2022. Alain Tribert Mutabazi yongeye guhakana ko ata basirikare b’Uburundi babarizwa ku butaka bw’igihugu ca Congo.
III. Ubwoba ni bwose mu banyagihugu bo ku mutumba Munanira muri komine Muruta mu ntara ya Kayanza. Ubwo bwoba bukaba bufatiye ku myimenyerezo ya gisirikare ikorwa n’urwaruka rw’imbonerakure iminsi yose ku wa gatandatu, guhera isaha icenda z’ijoro. Abanyagihugu basaba musitanteri wa komine Muruta guhagarika iyo myimenyerezo batazi ico igamije.
IV. Umunyamabanga w’umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Rutana Sylvain Nzikoruriho ariko arumvirizwa. Kuva kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 25 mukakaro yaritavye mu biro vy’iperereza muri iyo ntara. Yagirizwa gushurashuza ku nguvu umwana w’umwigeme ku murwa mukuru wa komine Giharo.
V. Urunani rw’abashingwamanza b’abarundi baburanira abakorewe ivyaha bihanwa na sentare mpuzamakungu CAVIB mu mpfunyapfunyo, bandikiye ikete umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye basaba ko muganga Christophe Sahabo arekurwa. Umushingwamanza Gustave Niyonzima arongoye urwo runani avuga ko muganga Christophe Sahabo apfunzwe hadakurikijwe amategeko, kuva agifatwa kugeza ubu ari mw’ibohero rikuru rya Mpimba.
VI. Mu runani rw’abashingwamanza CAVIB bavuga kandi ko ipfungwa rya muganga Christophe Sahabo ritumbereye kugomba gusahura imitahe y’ishirahamwe Swissmed international risanzwe ari ryo rifise umutahe munini mu bitaro Kira Hospital. Ivyo kandi ngo bikorwa n’uwihaye ububasha bwo kurongora urwego nshingwantwaro rw’ivyo bitaro ata tegeko na rimwe yubahirije.
VII. Igitoro gisigaye ari umuzi w’ibuye mu gisagara ca Ngozi. Abunguruza abantu n’ibintu, bavuga ko bashobora kumara imisi ibiri batonze ku ma sitasiyo bagataha batakironse. Ikiringo kirenga indwi zibiri kikaba giheze igitoro kiboneka nabi nabi muri ico gisagara. Abo bunguruza abantu bavuga ko imiryango yabo izohava yicwa na kigoyi kuko iyo badakoze bataronka ico basumisha.
VIII. N’iki cotuma hatama hagaruka ikena ry’igitoro mu Burundi. Hari abanyagihugu babona ko kureka ababishoboye bose bakarangura igitoro, ari kimwe mu vyotorera inyishu iyo ngorane. Abandi na bo bagasaba leta ko yopfuma iduza igiciro cavyo. Bamwe mu bavuganye na radiyo Inzamba.