Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 26/07/2023

Publié le 26 juillet 2023 par Rédaction
I. Abategetsi b’Uburundi bategerezwa mu maguru masha kuvuza aho bikwiriye umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye, apfungiwe mw’ibohero rya Muyinga. Akamo gaterwa n’ishirahamwe Amnesty International inyuma yaho uwo mumenyeshamakuru atabarijwe ko amagara yiwe yifashe nabi, biturutse ku ndwara yo guhema nabi ya Asthme. Rachel Nicholson, umushakashatsi muri iryo shirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka muntu, aributsa ko atari irya mbere Floriane abuzwa uburenganzira bwo kwivuza, agasaba abategetsi b’igihugu kwisubirako bakamurekura kuko apfunzwe ataco azira.
II. Hari abantu 4 bagizwe n’abagabo batatu n’umukenyezi umwe kino gihe bari mu minwe y’inyamiramabi mu Kayanza. Bakaba bafatiwe ku musi wa mbere w’iyi ndwi muri komine Muhanga, mu gihe bivugwa ko boba bari mu mugambi w’ukujana mu gihugu ca Tanzaniya abana 43 b’abahungu, bagizwe n’imisore n’imiyabaga. Abajejwe intwaro muri iyo komine bakaba muri kino gihe bariko barasubiza abo bana mu miryango iwabo, abandi na bo bakaza gutorwa n’abavyeyi babo.
III. Hari umuntu yitwa Jean Christophe Ngoboka aturuka muri zone Gakere komine Kiremba mu ntara ya Ngonzi, amaze ukwezi kurenga apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Ngozi. Abo mu muryango wiwe basaba ko uwabo yorekurwa kuko ariko azira ubusa.
IV. Abadandaza inzoga mu birabo bigera kuri 6 baraye bahagaritswe mu gisagara ca Ngozi, hari kuri uyu wa 25 Mukakaro 2023. Bahagaritswe n’igipolisi co kuri collège communal ya Ngozi bafadikanije n’abajejwe intwaro, bongera barugara ivyo birabo vyose. Bagirizwa kuba bariko badandaza izo nzoga ku biciro bitemwe n’amategeko ku binyobwa vy’ishirahamwe BRARUDI. Baciriwe kandi ihadabu ry’amafranga 100.000 kuri umwe umwe, muri iki gihe bakaba bafungiwe muri PJ mu kurindira ko abategetsi bo hejuru babafatira ingingo.

V. Iyo myidogo kandi ivugwa mu badandaza b’ibinyobwa vya Brarudi bo muri komine Mabanda mu ntara ya Makamba. Abo bacuruza bakavuga ko itangwa ry’ivyo binyobwa ryisunga aka mwana wa mama. Bagasaba ababijejwe gusubira gutorera umuti ico kibazo.

 

VI. Abagendesha amapikipiki bo mu ntara ya Makamba baridoga ukuntu batotezwa   n’igipolisi co muri iyo ntara, bagakubagurwa mbere hari naho bateba bakakwa amapikipiki bagendesha. Amakuru dukura muri iyo ntara, amenyesha ko ipikipiki ifashwe, itangishwa amafranga ari hagati y’ibihumbi mirongo itanu n’ibihumbi ijana, kugira ngo irekurwe. Ivyo biri uko mu gihe n’uwurishe ayo mafranga ata cemeza ko yarishe aronswa. Abo bagendesha amapikipiki bemeza ko abo ba polisi babasanga ku bituro, bagasimbira kuri moto zabo ataco bababajije ngo barabe ko badakwije ibisabwa. Barasaba abajejwe intwaro muri iyo ntara ya Makamba guhagurukira ico kibazo, kuko bariko barasahurwa izuba riva.

 

VII. Iduzwa ry’igiciro co kwiyunguruza riherutse gushingwa na leta ngo riva aha nini kw’ikena n’iduzwa ry’ibiciro ku bikomoka kuri pétrole, hamwe n’uguta agaciro k’ifaranga ry’uBurundi. N’umwihwezo w’umuhinga mu vy’ubutunzi André Nikwigize. Ku bwiwe, leta yategerezwa mu maguru masha kurondera aho ikura amafranga yofasha kugira ibiciro ntibibandanye biduga, n’ugufata imigambi irashe mu gushira amafranga mu bishorwa hanze kugira leta ironke amafranga y’agaciro itarindiriye imfashanyo ziva mu mahanga.

VIII. Ibibanza vy’amasoko yo mu gisagara ca Bujumbura bigiye kuzohora bitozwa amakori n’amatagisi n’ikigo kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi OBR. Mu rugendo rwakorewe ahari isoko ya Ruvumera muri zone Buyenzi komine Mukaza, hakaba hafashwe ingingo y’uko ibibanza biri hanze y’isoko, bizoriha amafranga ibihumbi 600 ku kwezi. Bimenyeshwa na Jimmy Hatungimana arongoye igisagara ca Bujumbura, aho yongerako ko n’abakorera hagati mw’isoko bafise amafranga bihuye bazoriha ikigo OBR.

Ibindi bisa n'ibi