Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 26/08/2020

Publié le 26 août 2020 par Rédaction

I. Abarongoye iperereza mu gisirakare c’Uburundi bahuriye ku rubibe Uburundi buhana n’Urwanda mu ntara ya Kirundo, mu buraruko bw’Uburundi, n’abarongoye urwego rw’iperereza mu gisirikare c’Urwanda. Bimwe mu bibazo bigiye hamwe, hari ibibazo vy’umutekano hagati y’ivyo bihugu uko ari bibiri, ku mbibe bihana.

II. Abantu babiri baraye bapfuye kuri uyu wa kabiri ku murwa mukuru w’intara ya Muyinga. Umwe muri abo n’umwana yirashe n’inkoho ya se wiwe, nk’uko amakuru avayo avyemeza. Kuri uyu wa mbere naho, uwundi muntu umwe yarishwe arashwe na mwenewabo, muri komine Butihinda y’iyo ntara nyene.

III. Amasasu yaraye yumvikanye muri rino joro ryaraye rikeye mw’ibohero rikuru rya Bururi. Amakuru ava muri iryo bohero, atumenyesha ko yari umunyororo yitwa Fidèle Ntunzwenimana yakatiwe gufungwa imyaka itanu, kubera ubusuma, yaratorotse abacungereye ibohero bamukurikiza amasasu, kugira bamuteshe ariko ntivyakunda. Amakuru ava aho mw’ibohero rya Bururi akamenyesha ko aho abanyororo bafungiwe hadatunganijwe neza, bigatuma bama bashaka gutoroka. Abajejwe iryo bohero bakavuga ko bagiye kuhatunganya neza, kugira ntihagire abanyororo basubira gucutsa umutima wo gutoroka.

IV. Intara za Makamba, Bururi na Rumonge ngo zirimwo ibinogo rusangi vyinshi vy’abahitanywe n’ubwicanyi bwahitanye abarundi kuva 1972. Ivyo vyavuze n’umukuru w’umugwi w’igihugu ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi, Pierre Claver Ndayicariye, kuri uyu wa kabiri muri komine Mabanda, aho uwo mugwi CVR wari uramutse utanguza ibikorwa vyo kuzura abahitanywe n’ubwo bwicanyi. Pierre Claver Ndayicariye amenyesha ko komine ya Mabanda na Vugizo ziri muzakozweko n’ubwicanyi bwahitanye abarundi batari bake, bwo muri 1972. Aremeza ko abishwe bose atari abaturuka muri iyo ntara, ahubwo hari n’abishwe bava mu zindi ntara bariko bahunga berekeza igihugu kibanyi ca Tanzaniya. Aho akaba yemeje ko ama komine ya Vugizo na Mabanda ari zo ziza imbere, muzirangwamwo ibinogo rusangi gusumba izindi zatawemwo abarundi batari bake. Agasaba abarundi bo muri izo komine kumenyesha umugwi CVR aho hose hari ibinogo rusangi, bisanzagiye muri izo komine.

V. Vyagaragaye ko impunzi z’abarundi zanyurujwe mu kambi ya Mtendeli mu kwezi kw’indwi uno mwaka, bamwe bishwe abandi batahukanwa i Burundi. Ivyo bishirwa ahabona n’ishirahamwe riharanira agateka k’impunzi zo mu karere CBDH-VICAR. Ubu bakaba bari mu busho butandukanye bw’igihugu c’Uburundi. Kubw’iryo shirahamwe ivyo bikerekana ko Leta ya Tanzaniya ibifisemwo uruhara, kandi ko bizoja ku gatwe kayo.

VI. Hari ingenzi zari mu rugendo zankiwe gushika mu Burundi kuri uyu wa kabiri. Izo ngenzi zirimwo abarundi bari batashe mu gihugu bafashe indege y’igihugu c’Ububiligi, ubu zikaba zaraye ijoro ku kibuga c’indege ca Zaventem mu Bubiligi. Izo ngenzi zikaba ziri mu kangaratete kuko zitazi icatumye indege y’ikompanyi SN Brussels yankirwa kurwa i Bujumbura nk’uko vyari bitegekanijwe.

VII. Abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu bari mw’ibohero haraheze imisi 310 i Bubanza. Baciriwe urubanza na sentare nkuru y’intara ya Bubanza. Sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa nayo ikaba yakomeje igihano baciriwe, naco kikaba ari ugufungwa imyaka ibiri n’igice n’ihadabu ringana n’umuliyoni kuri umwe umwe. Bakaba bahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu umwaka wa 2019 i Bubanza. Bari bagiye muri komine ya Musigati ahariko harabera intambara hagati y’inzego z’umutekano hamwe n’imigwi yitwaje ibirwanisho. Agnès Ndirubusa, Christine Kamikazi, Thérence Mpozenzi na Egide Harerimana bagirizwa kwifatanya n’aba reberi. Amashirahamwe mpuzamakungu y’agateka ka zina muntu n’ay’abamenyeshamakuru akaba adahengeshanya gusaba ko barekurwa kuko ata caha bakoze.

Ibindi bisa n'ibi