I. Umusirikare yari yarirukanywe mu girisikare yagirizwa ko yatorotse mu mwaka wa 2016, yanditswe ku rutonde rw’abariko bitegura kuja kugombora ubwa nyuma mu gihugu ca Somaliya. Uwo nawe n’uwahoze ari igisongerezi mu ntwazangabo Jules Bimazubute, yanditswe muri bataillon ya 62 ya Amisom iriko yitegura kuja kugombora. Bamwe mu basirikare bavugako kubona izina ryiwe riri kuri urwo rutonde bishobora kuba bitumwa n’ubusuma bwoba bukorwa n’ibihangange mu gisirikare, aho bavuga ko n’imishahara y’abasirikare batakiri ku murimo yoba isohoka igatwarwa n’abo bategetsi.
II. Umugambi Ndondeza w’ishirahamwe FOCODE usaba ibiro bikuru vy’iperereza kwerekana ahari umunyagihugu Christophe Niyonzima avuka muri komine ya Bugabira, intara ya Kirundo. Uwo munyagihugu yaheruka gutahuka mu Burundi ahungutse mu gihugu kibanyi c’Urwanda, yanyurujwe kuri uyu wa mbere ku masanganzira y’intara ya Muyinga na Ngozi, ategerewe n’abakozi b’iperereza. Pacifique Nininahazwe arongoye umugambi Ndondeza, amenyesha ko umuryango wa Christophe uriko urasaba ko uwogira agakuru k’aho uwabo afungiwe kubibamenyesha.
III. Amajambo umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye aheruste gushikiriza yo kwidogera urwego rw’abacamanza, abatari bake babandanya kugira ico babivugako. Urunani CAVIB ruhurikiyemwo abashingwamanza baburanira abakorewe ivyaha bihanwa n’amasentare mpuzamakungu ruvuga ko urwo rwego rukora nabi kubera ko rufatiwe amaboko i mugongo n’ubutegetsi, na cane cane abakuru mu mugambwe CNDD-FDD. Umushingwamanza Gustave Niyonzima arongoye urunani CAVIB asaba umukuru w’igihugu kureka kwidoga, nyabuna agakoresha ububasha afise kugira ngo afate ingingo ruhasha kugira agarukire urwo rwego rugeze aho umwansi ashaka.
IV. Igihugu kirangwamwo ibiturire hamwe n’ubucamanza butigenga nta banyamitahe bagiturukira. Bishikirizwa na Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe rigwanya ibiturire OLUCOME. Avuga kandi ko Leta itari ikwiye kwita abansi b’igihugu amashirahamwe yigenga n’amaradiyo bashira ahabona iribwa ry’ibiturire, kuko umukuru w’igihugu na wenyene ubwiwe yavyiyemereye. Asaba ubutegetsi kugwanya ibiturire kugira ngo igihugu cizerwe.
V. Bamwe mu banyagihugu baba mu ntara ya Rumonge baratewe impungenge n’itangazo Buramatari w’iyo ntara yashize ahabona kuri uyu wa gatatu. Iryo na ryo rimenyesha ko abatwara abantu n’ibintu muri iyo ntara bategerezwa kugenda bitwaje mu ngendeshwa zabo, akantu ko gutamwo imicafu. Bamwe muri abo bantu bunguruza abantu n’ibintu bamenyeshako badatahura ingene bazoshira mu ngiro iyo ngingo. Bagasaba ko boronswa umuco n’abajejwe intwaro muri iyo ntara.