Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 26/08/2023

Publié le 26 août 2023 par Rédaction
I. Hakwiye kurungikwa vyihuta mu Burundi intumwa idasanzwe ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu, kuko ibintu bijanye n’agateka ka zina muntu biguma biyangara. Biri mu rwete amashirahamwe ashika 40 yandikiye igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu. Ayo mashirahamwe avuga ko ibintu vyagumye biyangara, abakora amabi bakaba bari mu nzego z’umutekano, abagirizwa ntibakomakomwe. Abakorewe amabi na bo ntibaronswe ubutungane bubereye.
II. Umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye arashimira urwaruka rw’imbonerakure rwa CNDD-FDD mu bikorwa vyarwo vyose. Ivyo akaba yabivuze kuri uno munsi wa gatandatu, igenekerezo rya 26 Myandagaro, wahariwe urwo rwaruka, wariko ubera ku kibuga citiriwe Nkurunziza ca Révérien Ndikuriyo mu ntara ya Makamba. Evariste Ndayishimiye ahamagarira imbonerakure kubandanya zishirira ngo kuko ari zo zikizura igihugu cose, ngo umwansi ntiyinjire.
III. Inzira ya CNDD-FDD yo guhimbaza umusi w’imbonerakure n’inzira itari nziza na gato kuko yashikanye igihugu habi gushika ubu, kubera amabi atagira izina akorwa n’umugwi w’imbonerakure. Bivugwa na Ferederiko Bamvuginyumvira arongoye urunani CFOR-Arusha, kandi yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu c’Uburundi. Ku bwiwe, uyo munsi ntaco umaze na gato mu gihugu kandi uzoteba uvaho kuko izo mbonerakure ari abanyagihugu basanzwe nk’abandi bose.
IV. Nta kiriko kirakorwa ku bijanye n’imyiteguro yo gutangura umwaka mushasha w’ishure mu mpunzi z’abarundi ziri mw’ikambi ya Lusenda mu gihugu ca Congo iharanira demokrasi. Ni mu gihe hasigaye ikiringo c’indwi yonyene ngo umwaka w’ishure wa 2023 ushira uwa 2024 utangure, hakaba hataratangwa igikoresho na kimwe c’ishure. Olivier Iranzi Ntumangende aserukira izo mpunzi, asaba igisata ca ONU kijejwe impunzi HCR n’ayandi mashirahamwe ajejwe indero muri iyo kambi, kuronsa ibikoresho vy’ishure urwo rwaruka.
V. Ikiganiro « Kw’īsôko » c’uno musi gishimikira ku mutekano muke uvugwa muri komine Mabayi mu ntara ya Cibitoke.

Ibindi bisa n'ibi