I. Birateye isoni kubona abategetsi b’Uburundi bama bariko barabesha amakungu ku biriko biraba mu gihugu. Ivyo bivugwa na Vital Nshimirimana arongoye urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike FORSC. Ni inyuma yaho umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye amenyeshereje ku musi wa kane uheze, mu nama ya bose y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU igira iya 77, ko Uburundi burangwa n’ubutungane kuri bose n’agateka ka zina muntu. Vital Nshimirimana akabonako ivyo ari ububeshi bweruye.
II. Umuyobozi w’ishure shingiro rya Nyangunzu muri komine Ndava, yo mu ntara ya Mwaro, ari mu minwe y’inyamiramabi kuva mu ndwi iheze. Yagirizwa gushurashuza umwana w’umwigeme wo kw’ishure arongoye. Abegereye umuryango w’uwo mwigeme basaba ko yoshengezwa, agahanwa hisunzwe amategeko.
III. Abaharanira agateka ka muntu bakorera mu ntara z’ubumanuko bw’igihugu, barasaba ko ubutungane bwokora amatohoza ahagije ku bindi vyaha vyagirizwa umupfasoni Evelyne Ndayizeye. Uyo mupfasoni n’umunyamabanga w’ubuyobozi bw’indero mu ntara apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Rumonge kuva ku wa mbere w’indwi iheze. Yaciriwe gupfungwa imyaka itatu no gutanga ihadabu y’ibihumbi amajana abiri, mu rubanza yaciriwe ku musi wa gatanu na sentare nkuru ya Rumonge, aho yagirijwe gutoza igiturire umwigisha amwemerera ko azomwungururiza ahandi akorera, mutation mu rurimi rw’igifaransa. Uwo mukenyezi bikavugwa ko yagirizwa n’ayandi manyanga. Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu mu bumanuko bw’igihugu, agasaba ko yokurikiranwa no ku bindi vyaha yagirizwa.
IV. Amabohero yo mu gihugu nka yose aracafise ikibazo c’ikena ry’ibifungurwa. Ivyo bishikirizwa n’ishirahamwe ACAT-Burundi. Kubwa Ntiburumunsi Jean-Claude ajejwe igisata c’amategeko muri iryo shirahamwe, ngo iminsi 30 irashobora guhera ata ndya zibonetse mu mabohero, akabona ko Leta ata kigoro ishiramwo kugira ngo ico kibazo gihere. Me Ntiburumusi Jean-Claude asaba leta y’Uburundi kwubahiriza amategeko agenga abanyororo.
V. Imyidogo ni myishi mu badandaza b’ibinyobwa vya Brarudi mu gisagara ca Rumonge bafise ubunywero barihira amakori ari hejuru, bita bar modèle. Bariyamiriza ingingo iheruka gufatwa na buramatari w’iyo ntara aho abategeka kugurisha ivyo binyobwa ku biciro vya leta. Bavuga ko bariko barahohoterwa. Mu ntwaro mu ntara ya Rumonge bakaba bamenyesha ko bariko bagerageza kwubahiriza ibiciro.
VI. Mu mupira w’amaboko basketball, haratanguye ihiganwa ry’igikombe citiriwe intwari, Urunani rukaba rwarirahiye Aigle Noir mu rukino rwa mbere. Muri Handball, bageze mu ndwi igira munani y’ihiganwa mu gihe mumupira w’amaguru, ihiganwa ku rwego rw’igihugu Primus League bageze mu ndwi igira ndwi. Umugwi wa Aigle Noir ukaba ari wo uri mu kibanza ca mbere gushika ubu.