-
Ishirahamwe ACAT-Burundi rirahagaritswe umutima n’ibikorwa vy’ubutegetsi bibandanya bihungabanya ubwigende bw’umucamanza mu Burundi. Mw’itangazo iryo shirahamwe ryashize ahabona kuri uyu wa kabiri, ACAT Burundi riragaruka kuvyabereye muri sentare nkuru y’intara ya Bururi aho abacamanza batatu bisanze bapfunzwe bahorwa kuba bararekuye abakekwako ubwicanyi n’ubukozi bw’ikibi bw’abantu batamenyekanye bakoresha imipanga. Kubw’umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT Burundi, ipfungwa ryabo bacamanza rinyuranye n’amategeko kuko bakurikije ico amategeko abasaba hamwe n’ivyo batahuye muvyavugiwe mu rubanza.
-
Umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi aranegura kandi ko umucamanza w’umurundi uno munsi asigaye akorana ubwoba n’ukutigenga bivuye kubajejwe intwaro n’abandi bategetsi b’igihugu. Agasaba leta kubahiriza igabanganwa n’ubutegetsi biri mubiranga itwaro ibereye.
-
Umushikirizamanza mukuru mu ntara ya Ngozi akwiye gufatwa vuba bwango agashengezwa imbere y’intahe kubera inyifato amaze imisi yerekana yo gutegeka irekugwa ry’abagirizwa gukora ivyaha mu ntara ya ngozi. Bisigugwa n’uwanonosoye ibijanye n’amategeko Janvier Bigirimana. Agafatira ku karenganyo ko kwimurira ahandi inyamiramabi zibiri zahora zikorera i Ngozi zazize ko zanse itegeko ryo kurekura imbonerakure izwi kw’izina rya Yamani yagirizwa kwica umuntu mu gisagara ca Ngozi. Umushingwamanza Bigirimana agatangazwa no kubona umushikirimanzamukuru ariwe ahonyanga amategeko kandi nibigarankana. Agasaba umushikiranganji w’ubutungane gukurikirana hafi uwo mushikirizamanza ahanyonga amategeko. Tubibutse ko uyo mushikirizamanza yaheruka kurekuza kumusi wagatandatu uheze izindi mbonerakure zibiri zagirizwa ubusuma bw’ipikipiki muntara ya Ngozi.
-
Abanyagihugu baba mu ma karitiye atandukanye y’igisagara ca Bujumbura bakora ubuzi busaba gukoresha umuyagankuba baridoga bavuko basigaye bakora amasaha abiri yo nyene ku musi biturutse kwicikagurika ry’umuyagankuba wibonekeza mur’ico gisagara, haraheze ikiringo kirenga umwaka. Bavuga ko bakora bahomba kandi ko bibateranya n’abakiriya babo kuko badatunganya neza ku gihe ibikorwa baba basezeranye. Basaba ishirahamwe REGIDESO gutunganya neza ibijanye n’umuyagankuba, nayo ibikorwa vyo kwubaka ingomero nshasha biriko birakorwa na Leta bikarangira.
-
Imyidogo si mu gisagara ca Bujumbura gusa, abanyagihugu baba mu gisagara c’intara ya Kyanza no mu micungararao yaho barahagaritswe umutima n’ibiciro vy’amakara vyaduze cane. Nk’umufuko wahora ugugwa ibihumbi 35, muri kino gihe ng’ugugwahagati y’ibihumbi 45 na 50. Abo banyagihugu bavugako basaba leta kubafasha gutorera inyishu ico kibazo, ahandiho no bigiye kubagora gutegura utwo bacisha kuwepfo.