I. Inka zitanu zaraye zitemaguwe ku mutumba Gasenyi wo muri komine Buyengero, mu ntara ya Rumonge. Vyabaye mu gitero cagizwe mw’ijoro ryo kuri uyu w’Imana, nkuko amakuru ava mu baba muri iyo komine avyemeza. Ayo makuru nyene avuga ko izo nka zatemaguwe ari iz’umukukuruke mu gipolisi, ubu ari mu kinyegero kuva aho atanguye kurondererwa ngo afatwe, mu kwezi kw’icenda guheze. Ababanyi b’uwo yahoze mu gipolisi bavuga ko ari agatotezo.
II. Ibiziga bitorwa bireremba mu kiyaga Tanganyika co kimwe n’ahandi vyasubiye kwibonekeza mu Burundi. Abakora ubwo bwicanyi ngo barazwi, kandi bakingiwe ikibaba na leta, mu gihe abo bantu batorwa ibiziga baca bahambwa n’inzego za leta ubwo nyene, ata matohoza akozwe. Mw’ishirahamwe FOCODE ni ko babibona. Pacifique NININAHAZWE arongoye iryo shirahamwe, atera akamo leta gushinga itegeko ry’ingene umuntu atowe ikiziga afatwa, n’ingene kimenyekanishwa gushika gishinguwe.
III. Urunani rw’abarundi RCP ruranegura imvugo y’ishirahamwe IZERE rivuga ko agateka ka zina muntu kifashe neza mu Burundi, kandi biboneka ko kageramiwe mu mihingo myinshi y’igihugu. Bivugwa na Gervais Nibigira, icegera c’uwurongoye urwo runani, mu cegeranyo rwasohoye c’ukwezi kw’icenda. Ico cegeranyo kigaruka ku vyagiye birashikirizwa n’abategetsi batandukanye.
IV. Hamaze imisi hibonekeza ubukene bw’ibifungurwa mu mabohero atandukanye ari mu Burundi. Abanyororo batera akamo, bavuga ko bashobora kwicwa na kigoyi. Ibigize ngo biraboneka haraho haboneka bimwe, hakabura ibindi, kandi na vyo bikaba ari ibibamaza kabiri gusa. Amashengero amwe amwe akaba ariko aragerageza gusahiriza.
V. Kuri uno wa gatanu imbere y’umutaga, abapolisi bagiye ku nzu ya Général Nimenya, asanzwe afunzwe mu bagirizwa kuba barashatse gutembagaza ubutegetsi ku nguvu. Bakaba basanze hugaye, baca burira urupangu mu gushika mu nzu. Amakuru dukura ku babibonye baba aho mu Kinanira, n’uko inyuma y’umutaga, haje imbonerakure zimena urugo, ibintu vyose basanze mu nzu baratwara. Baciye bagiriza umunyezamu ko hari ivyo yanyegeje bamusaba kubizana. Amaze guhakana, yaciye akubitwa araremba, aca aja gufungirwa mu gasho ka komine Musaga. Bukeye, n’umuzamu wa kabiri yarafashwe nawe nyene, akaba afungiwe aho ku Musaga. Umuryango wa Nimenya ukaba umenyesha kubabazwa n’itotezwa uriko urakorerwa muri kino gihe, ugasaba reta guhagarika ibintu vyose vyasahuwe muri iyo nzu kuko ataho bihuriye n’icaha yagirizwa.
VI. Impunzi z’abarundi ziri mw’ikambi ya Lusenda mu gihugu ca republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, zirabangamiwe n’indwara ya malariya. Abantu 9 kuri 10 bitura abaganga ku munsi, basanga barwaye iyo ndwara. Ubwoba ni bwinshi muri abo barundi bahungiye muri iyo kambi. Umwe mu barundi muri iyo kambi asaba ko amashirahamwe akorana na HCR yobagarukirako, kubera imiti ya malariya itaboneka ku rugero rukwiye. Twarondeye abarongoye ikambi ya Lusenda kugira batange umuco kuri ayo makenga, turabakena.
VII. Imyidogo ni myishi mu barimyi bo mu ntara ya Makamba kubera ibiciro vy’imbuto vyaduze kw’isoko. Akarorero n’ak’imbuto z’ibigori zirobanuye, ahatari hake zigurwa amafaranga ari hagati y’ibihumbi 7000 na 7500. Aho ni mu gihe izo mbuto zagurwa amafaranga ari hagati ya 2500 ni 3000. Iryo duzwa ry’ibiciro rikaba rije rikurikira igihe co gutera.
VIII. Abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu bakwije kuri uno wa mbere iminsi 371 bafunzwe. Bakaba baciriwe umunyororo wo gufungwa imyaka ibiri n’igice, hamwe n’ihadabu ringana n’umuriyoni umwe umwe, na sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Bubanza. Abo bamenyeshamakuru bakaba bahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu umwaka uheze, mu ntara ya Bubanza. Christine KAMIKAZI, Agnès NDIRUBUSA, Térence MPOZENZI na Egide HARERIMANA bakaba bagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu, ivyo amashirahamwe y’abamenyeshamakuru n’ay’abaharanira agateka ka zina muntu biyamirije, bagasaba nyabuna ko barekurwa ata gisabwe.