I. Uno musi ugize 36, abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu Christine KAMIKAZI, Agnes NDIRUBUSA, Térence MPOZENZI, Egide HARERIMANA bafungiwe I Bubanza kuva italiki 22 gitugutu .Bafatiwe I Bubanza bagiye kurondera inkuru ku ngwano yariko ihuza aba rebeli n’abajejwe umutekano muri komine Musigati. Bagirizwa kwifatikanya n’abahungabanya umutekano. Sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa ikaba iherutse gufata ingingo y’uko baguma bafunzwe ariko umushoferi wabo iyo sentare yafashe ingingo yo kumurekura.
II. Ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka bwarafashe, kuri uyu wa mbere, ingingo yo kubuza urudandaza rw’inzahabu mu gihugu cose c’Uburundi. Ibanki nkuru y’igihugu BRB ikaba ariyo yonyene irekuriwe urwo rudandaza. Ubwo bushiranganji buvuga ko bwafashe iyo ngingo kugira ngo bubuze urudandazwa rw’inzahabu rudakurikije amategeko.
III. Kubw’ishirahmwe OLUCOME ryishinze kurwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Leta, ngo ntivyari bibi ko Ibanki nkuru y’igihugu BRB igura inzahabu, ngo ariko leta ntiyoca ibuza ayandi mashirahamwe kugura inzahabu, vyiza hoba ihiganwa.
IV. Hoba hariko haragirwa amanama mukinyegero yo gutegura kwica abatavuga rumwe n’ubutegetsi mu ntara ya Karusi. Ivyo bikaba biri mu matohoza y’umuhari Ligue Iteka. Inama ya nyuma yo gutegura ubwo bwicanyi, ikaba yabaye ku musi wa gatanu uheze. Ivyo biremezwa na bamwe mu banyagihugu baba ngaho i karusi, ko iyo nama yabaye ku musi wa gatanu ahari hatumiwe imbonerakure zose.
V. Ishirahamwe rigwanya ihonyabwoko AC GENOCIDE CIRIMOSO, rihamagarira leta n’abantu bose kuhagabira kugira ntihabe ihonyabwoko. Iryo shirahamwe rivuga ko ubudasa bufatiye ku vyiyumviro vya politike canke ku moko ngo ntibwari bukwiye kuba intandaro yo kwicana. Thérence Mushano icegera c’umukuru w’ishirahamwe AC GENOCIDE CIRIMOSO.
VI. Umuhari uharanira agateka ka muntu Iteka urerekana ko agateka ka muntu kabandanya gatosekazwa. Mu cegeranyo cawo kijanye n’ivyo guhungabanya agateka ka muntu co mu ndwi iheze, uvuga ko abantu 8 aribo bamenyekanye ko bagandaguwe, uwo muhari uvuga ko abandi bantu bagera kw’110 bahagaritswe hadakurikijwe amategeko. Abakekwa gukora ayo mabi n’urwaruka rw’imbonerakure hamwe na bamwe mu nzego z’umutekano. Tubishikirizwa na Andrée NSABIMANA ajejwe kumenyesha amakuru muri ligue Iteka.
VII. Ubukene n’ubushomeri buri mu barundi ni bwinshi cane, ku buryo leta y’Uburundi itari ikwiye gufata ingingo yo kubuza abadandaza ama unites ku mabarabara hamwe no gushiraho amasaha yo kutarenza mu bunywero bwo mu gisagara. Ivyo bivugwa na Faustin Ndikumana yanonosoye ivy’ubutunzi. Ivyo akaba abivuze inyuma y’aho umukuru w’igisagara ca Bujumbura asohoye ingingo zitari nke, harimwo ko ubunywero butegerezwa kwugara isaha zitatu z’ijoro hamwe no kubuza gusubira gukora abadandariza ama unites musi y’imitaka ku mabarabara. Uwurongoye igisagara, agasigura ko muri izo ngingo, harimwo izo kubungabunga ubutunzi bw’imiryango. Ariko uwanonosoye ivy’ubutunzi Faustin NDIKUMANA arerekana ko iyo nsiguro idafashe.
VIII. Imvura y’igihuhusi yaguye muri komine Mugongo Manga, intara ya Bujumbura, imbere y’umutaga wo kuri uno wa kabiri, yaguruye ibisakazo vy’amasomero 3 kw’ishure shingiro rya Nyarushanga, nayo abana bataramenyekana igitigiri barakomereka. Amakuru ava aho muri komine Mugongo Manga akamenyesha ko ahatari hake iyo mvura yononye imirima.