I. Petero Buyoya yahora atwara igihugu c’Uburundi, yaratanze imihoho mu kibanza c’uwuserukira ubumwe bwa Afrika muri Sahel, agiye gutangura urugamba rwo kurwanira iteka n’icubahiro ciwe, vyatosekajwe n’ubutungane bw’Uburundi, mu kumucira urubanza rwo guherayo atari mu gihugu, ata n’umushingwamanza yari ahari ngo amuburanire. Ni mw’idosiye aho yagirizwa igandagurwa ry’umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye mu 1993. Petero Buyoya yabishikirije kuri uno wa gatatu mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Ariko ntavuga igihugu agiye gusabamwo ubuhungiro.
II. Impunzi z’abarundi bahungiye mw’ikambi ya Lusenda na Mulongwe mu gihugu ca Congo iharanira intwaro rusangi zivuga ko zihohoterwa, zigapfungwa zagirizwa gukorana n’imigwi y’abagwanyi. Kuva mu mwaka wa 2015, baratahukanwa ku nguvu bapakiwe imiduga za rusehabaniha. Izo mpunzi zikagiriza ubutegetsi bw’ igihugu ca Congo ko bukorana n’iperereza ry’Uburundi. Mw’ishirahamwe CBDH-VICAR, riharanira agateka k’impunzi mu karere, bavuga ko bariko barakora amatohoza kugira ngo ibitigiri vy’abapfunzwe, abishwe n’abamaze gutahukanwa bimenyekane.
III. Urubanza rw’uwahora arongoye imbonerakure muri komine Nyabihanga, Dieudonné Nsengiyumva, batazira Rwembe, umunyororo apfungiwe mw’ibohero rya Muramvya, ntirwabaye rugicibwa nkuko vyari bitegekanijwe muri sentare isubiramwo imanza ya Muha, kuri uyu wa gatatu. Imvo ngo ni uko umuryango w’umuhisi Richard Havyarimana yahora arongoye umugambwe CNL ku mutumba Mbogora, yishwe yabanje kunyuruzwa n’iyo mbonerakure batazira Rwembe mu gihe c’imyiyamamazo y’amatora aherutse kuba muri Rusama uyu mwaka, basavye sentare insiguro ku kugene uwo asanzwe ari mu minwe y’ubutungane, amaze imisi yidegemvya muri komine Nyabihanga.
IV. Umugenzo w’uko ibintu vyose bishingira ku mugabo mu Burundi ni vyo aha nini bituma abakenyezi bakubagurwa mu kibano. Bishikirizwa na Paul Nkunzimana, yanonosoye ivyigwa vy’imigenzo. Amenyesha ko n’amategeko mabi ya reta ari mu bituma abakenyezi b’abarundikazi bakubagurwa, haba mu kibano no mu kazi.
V. Inzoga za Amstel ya sentiritiro 65 na Royal zisigaye ari umuzi w’ibuye mu ntara ya Muyinga iri mu buraruko bw’Uburundi. Ubwo bukene bumaze indwi zibiri buva ko BRARUDI ihingura izo nzoga, itakizitanga bikwiriye aho i Muyinga.