I. Sentare nkuru y’igihugu ya Rutana yaraye iciriye ihadabu ry’amafranga ibihumbi 150 umwe umwe ku bantu 3, harimwo umunyororo yaheruka gufatwa ariko arasambana hamwe n’uwo bakoranye ubwo busambanyi. Uwa gatatu n’umupolisi yari kw’izamu uwo munsi w’ubusambanyi, hari itariki 13 Munyonyo. Ico gihe bakaba bari bafashwe mpiri n’umushikirizamanza mukuru wo mu ntara ya Rutana. Urwo rubanza ngo rukaba rwahavuye rutumwako kw’itegeko ry’umushikirizamanza atwara parquet ikukira Sentare isubiramwo imanza ya Makamba, mu gihe hari havuzwe ko umushikirizamanza wa Rutana akibafashe yari yaciye abarekura hejuru y’ibiturire. Uwo mu polisi n’uwo munyororo baciye bajanwa gufungwa mw’ibohero rikuru rya Rutana.
II. “Ivyaha vyo gufata ku nguvu no guhohotera abakenyezi n’abigeme mu Burundi, biri mu vyaha ibiro vy’umushikirizamanza wa Sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI yagizeko amatohoza bikwiye’’. Vyemezwa n’umushingwamanza Lambert Nigarura, arongoye urunani CB-CPI rw’abashingwamanza baburanira imbere ya Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, imiryango y’abakorewe amabi mu Burundi. Abivuze mu gihe hatangujwe kuri uyu wa 25 Munyonyo isekeza ry’imisi 16 yahariwe kugwanya amabi akorerwa abakenyezi. Umushingwamanza Nigarura akamenyesha abarundi n’abakenyezi bose bakorewe amabi ko amatohoza ya Sentare mpanavyaha ashitse ku ntambwe ishimishije kugira abakoze amabi bakurikiranwe.
III. Abaguze amatongo mu kigwati ca Makombe muri zone Gatete iri muri komine Rumonge mu ntara ya Rumonge, ntibagira ayo bacira n’ayo bamira. Leta yaraye ifashe ingingo yo gusubiza bene yo ayo matongo. Bivugwa ko yari yanyazwe n’uwitwa Benjamin Bikorimana, igihangange co muri iyo zone ya Gatete.
IV. Ubukene bw’igitoro bwasubiye kwibonekeza mu ntara ya Rumonge. Nk’uko amakuru radiyo Inzamba Agateka kawe ikura muri iyo ntara abimenyesha, ico gitoro kikaba kimaze indwi zibiri kitaboneka, n’aho ingaruka zikaba zatanguye kwibonekeza ku biyunguruza no ku bikorwa bimwe bimwe bisaba gukoresha igitoro, nk’uburovyi. Bamwe bemera kugura igitoro ca magendo, abandi na bo bagatinya gushira imitahe yabo mu gitoro kuko bokora bahomba. Kuko iritiro rya essence kw’isoko rya magendo rigurwa amafranga bihumbi cumi. Abanyagihugu bakaba basaba Leta ko yotorera umuti ico kibazo.
V. Mu kiganiro « Kw’īsôko » c’uno musi, tugaruka ku majambo umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye aheruka kuvuga ku bijanye n’ukuganira n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwiwe.