I. Mu kiganiro umukuru w’igihugu Nkurunziza yahaye abamenyeshamakuru n’abanyagihugu kuri uyu wa kane co mumpera z’uyu mwaka, kubijanye n’abamenyeshamakuru bane b’ikinyamakuru Iwacu, avuga ko n’aho ari umushikirizamanza mukuru, adashobora kwivanga mubijanye n’ubutungane, ahubwo asaba ko ubucamanza bwokora kugira ngo urwo rubanza ruve mu nzira. Nayo kubijanye n’uko abategetsi berekana amatungo bafise bacinjira mu mabanga, canke basozereye ikiringo, Petero Nkurunziza avuga ko yiteguriye kwerekana amatungo yiwe inyuma y’ikiringo.
II. Amategeko ategeka abategetsi bakuru kwerekana amatungo yabo bakija mu mabanga ngo ntiyigeze akurikizwa. Gabriel RUFYIRI arongoye ishirahamwe rirwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta amenyesha ko ata shaka ryigeze ribaho.
III. Haravugwa ubukene bw’imiti na cane cane iyo abarwaye bivuza bataha mw’ikambi ya Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya, ibituma indwara zibangamira impunzi ziba muri iyo kambi. Impunzi ziba muri iyo kambi zisaba ko ico kibazo abakijejwe bogitorera umuti batarabangamirwa n’indwara kubera kubura imiti.
IV. Ibarabara Nyamugari-Mutambu ntirikiri nyabagendwa biturutse ku bi modoka binini binini biseha ubutare vyaryononye. Abanyagihugu bahaba basaba ko ryosanurwa, kugira biyunguruze bitabagoye na rirya bemeza ko umukuru w’igihugu yari yemeye ko iryo barabara rikorwa.
V. Uyu musi ugize uwa 66 abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru Iwacu Christine Kamikazi, Agnès NDIRUBUSA, Thérence MPOZENZI, Egide HARERIMANA batawe mu mvuto, umushoferi wabo Adolphe MASABARAKIZA we yahavuye atezurirwa na sentare ya komine Ntahangwa y’igisagara ca Bujumbura, igisata c’iyungururizo. Iyo sentare kandi akaba ariyo yafashe ingingo yo kugumiza mu munyororo abo bagenzi bacu. Icariho c’umushingwamanza muri parake ya Bubanza, Jean Marie Vianney NTAMIKEVYO akaba ariwe yabashizeko icaha co gufatanya n’abashaka kudurumbanya umutekano mu gihugu, igihe haba igitero muri komine Musigati y’iyo ntara ya Bubanza. Bahagaritswe ku wa 22 Gitugutu bariko bagana muri komine Musigati.
VI. Impunzi z’abarundi bari I muhanga mu gihugu c’Urwanda bariyungunganya n’imigambi mito mito yo kwiteza imbere. Umwe muri bo afise ubworozi bw’inyoni zita amagi avuga ko zivura indwara zitari zike.
VII. Abanyororo babiri bo mw’ibohero rikuru ryo mu ntara ya Bururi, baraye batorotse. Dieudonné Nsengiyumva na Eric Ndayikengurukiye bose baturuka muri iyo ntara ya Bururi, bakaba bagirizwa ubusuma. Uwa mbere yari yafashwe itariki ya 9 ukwezi kwa mbere umwaka w’i 2019; uwakabiri itariki 11 Munyonyo uwo mwaka nyene. Dieudonné Nsengiyumva yari yatsinze urubanza ariko sentare irunguruza. Amakuru yo kwizera dukura mu ntara ya Bururi atumenyesha ko mu gihe abo banyororo bariko baratoroka abapolisi barashe amasase menshi kugira babateshe ariko ntivyashoboka. Abategetsi b’iryo bohero rya Bururi basaba abajejwe intwaro gufasha kugira abo banyoro batorotse bashobore gufatwa.