Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 26/12/2022

Publié le 26 décembre 2022 par Rédaction
I. Hari umukenyezi ari mu minwe y’igipolisi c’inyamiramabi muri komine n’intara ya Muyinga guhera mw’ijoro ryo ku w’Imana. Akaba ariko agirwako amatohoza, aho yagirizwa kuba ku musi wa gatandatu yataye ikiziga c’umwana wiwe w’uruyoya, mu buriro buri hafi y’ibitaro bikuru vy’i Muyinga aho yaraje kwivuna inzara. Uwo mukenyezi ahejeje gufungura akaba yaciye abwira umukenyezi yamuhereje ivyo kurya ko yomugumiriza umwana w’uruyoya akiri muto amaze nk’imisi 5 avutse, amuhenze ko asinziriye ariko akaba yari yamaze kwitaba Imana. Akaba yavuga ko agiye kuraba abo bari kumwe kwa muganga ngo nabo baze gufungura. Wa mukenyezi nyene uburiro abonye nyene gusiga umwana atagarutse, yagize amakenga arafukura rwa ruyoya abona ntiruhema. Niko kunyarukira kwa muganga basanga ico kibondo camaze kwitaba Imana. Igipolisi kikaba caciye gitangura amatohoza mu ntumbero yo kumenya uwataye ico kiziga. Nyina w’uwo mwana akaba yahavuye afatirwa kuri uwu w’Imana mu gisagara c’i Muyinga. Muri kino gihe, igipolisi kikaba kiriko kimugirako amatohoza.
II. Abigisha bo kw’ishure shingiro rya Kidasha, rikukira ubuyobozi bw’indero muri komine Giteranyi mu ntara ya Muyinga, bariyamiriza ingendo y’umuyobozi w’iryo shure Benoît Nsengiyumva, yo kunyuruza ibifungurwa bigenewe kugaburira abarerwa kw’ishure mu mugambi witwa Cantine scolaire. Mw’ikete abo bigisha baherutse kwandikira umuyobozi w’indero mu ntara, bagiriza uwo muyobozi kuba yaranyuruje igice c’imfugurwa umufuko w’ibiharage zari kugaburirwa abanyeshure, mu kiringo c’imisi 5, nk’uko amakuru ava kuri iryo shure avyemeza. Abo bigisha bagasaba umuyobozi w’indero mu ntara gufatira ibihano Benoît Nsengiyumva.
III. Abagize inama mpanuzwajambo ya komine Giharo mu ntara ya Rutana barasaba umuco ku bunyonyezi bw’amafaranga yababa imiliyoni 20, bwatowe n’umugwi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu. Musitanteri wa komine Giharo n’umunyabigega w’iyo komine bakaba ari bo batungwa urutoke muri ubwo busuma.
IV. Abagize inama mpanuzwajambo ya komine Nyanza-lac 24 kuri 31 baranse kwitaba ibikorwa vyayo kuri uyu wa gatandatu. Indwi bonyene ni bo bayitavye. Abagararije, bavuga ko banse kuyitaba kuko yatumweko n’abahagaritswe mu mabanga.
V. Abanyagihugu bo mu gacimbiri Kinyovu, umusozi Musave, wo mu gisagara ca Kayanza, komine Kayanza n’intara ya Kayanza, baratewe umutima uhagaze n’ikimanga kigeramiye imihana itari mike yo muri ako karere, aho inzu zitandatu zimaze gusenyuka. Muri kino gihe rero abahuye n’iryo sanganya bakaba batse indaro mu yindi mihana, abandi barakose amazu n’aho ata mikoro akwiye bafise. Abo banyagihugu basaba abajejwe intwaro kubaronsa ahandi bokwimukira, mu kurindira ko hari icokorwa ico kimanga ngo cubakwe, bagasaba kubakirwa kuko ata buryo bw’ugusubira kwiyubakira boronka.
VI. Mu makuru y’inkino, muri Basketball, tugaruka ku nkino za play off aho mu mpera z’iyi ndwi zari zigeze mu gice ca kabiri gishira ica nyuma. Nayo mu mupira w’amaguru umukinyi Sadio Ntibazonkiza, kuva ku munsi wa gatanu, abarizwa mu mugwi wa Simba Sport Club mu gihugu ca Tanzaniya. Hanyuma Uburundi ni bwo bwatahukanye ikibanza ca mbere muri rya higanwa rya volleyball yo ku musenyi ryahuza ibihugu bigize akarere ka 5, ihiganwa ryabera i Bujumbura kuva ku wa 20 gushika ku wa 24 Kigarama.

Ibindi bisa n'ibi