I. Evaritse Ndayishimiye yaraye atowe, ngo aserukire umugambwe CNDD-FDD, nta mwizero atanga mu nyishu z’ibibazo bihanze u Burundi muri kino gihe, na cane cane ibijanye n’imigenderanire n’ibindi bihugu. Ivyo bibonekera mu majambo yagiye arashikiriza kuva agenywe, ngo abe umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe.
II. Ijambo rya Evariste Ndayishimiye ntiryanyuze Frédéric Bamvuginyumvira yigeze kuba icegera c’umukuru w’igihugu. Amenyesha ko kwitwaza Imana mu vyo bavuga vyose, ari ukubura imigambi yogushikiriza. Bamvuginyumvira akabonako ata kintu kinini yokwitega Ku muntu abesha abarundi, ko yabonanye n’Imana amaso mu yandi, ibintu bishikira gusa abamaze gupfa.
III. Evariste Ndayishimiye, ngo niyo yagira amahirwe akarongora igihugu, akazokora amabi nk’ayakozwe na Petero Nkurunziza, abarundi bazomwiyamiriza bikwiye. Ivyo bivugwa na Vital Nshimirimana, arongoye umuhari wishinze kugwanya ikiringo ca 3 ca Nkurunziza, imyaka itanu iraheze. Ku bwiwe, uwuzoronka ayo mahirwe ngo atware Uburundi, aze yihutire gusubira gutanguza ibiganiro vyo kugarukana amahoro mu Burundi, hagati y’abarundi n’iyindi migwi yose yegwa n’ibibazo mu Burundi.
IV. Kuri iryo genwa rya Evariste NDAYISHIMIYE ngo azokwitoze mu kibanza c’umukuru w’igihugu, bamwe mu barundi bari mu ntara zitandukanye bavuganye na radio Inzamba, bavuga ko bitanga umwizero ko hamwe yotorwa, amahoro ashobora kugaruka mu Burundi. Abandi nabo bakavuga ko amajambo akoresha muri bimwe muvyo ashikiriza hamwe n’imigenderanire afitaniye na Petero NKURUNZIZA, bishobora gutuma ata mwizero w’amahoro uboneka.
V. Umutekano mw’ikambi ya NYARUGUSU ntiwifashe neza, impunzi zirara ntibuca kubera abasuma bitwaje ibirwanisho, abakekwa bakaba barimwo n’abapolisi basanzwe bacungera umutekano w’ikambi. Uwitwa Macumi akaba yaraye afashwe azira kuba yaradomyeko urutoke umurwi w’abapolisi biba aho mw’ikambi.
VI. Imyaka indwi irarumanye, isoko nkuru ya Bujumbura ihiye, ico kigega c’igihugu cakoreramwo abadandaza barenga ibihumbi indwi n’ubu ntikirasanurwa. Ishirahamwe OLUCOME ryiyemeje kugwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Leta, ntiritahura na gato impamvu kugera uno musi atawurafata iyo soko ngo arisanure. Kubwa Gabriel Rufyiri arongoye iryo shirahamwe, ngo abarongoye igihugu bakwega ibirenge kubera babonako ata nyungu kugiti cabo zigaragara.